Umugambwe FROLINA uramutswa abarongozi bashasha

Yanditswe na IGIHE
Kuya 13 mars 2017 saa 11:20
Yasomwe : 14067
0 0

Umukenyezi Cécile NSHIMIRIMANA niwe yemejwe n’abanywanyi b’umugambwe FROLINA ngo arongore uwo mugambwe mu matora yabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 11 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Naho hatanguye kuba impari, hagati y’uwahora ari icegera c’umukuru w’umugambwe hamwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe basohotse ahariko habera amatora bavuga ko ikoraniro ryatumweko hadakurikijwe amategeko,abayoboke b’umugambwe FROLINA bemeje kandi Dieudonné RUSHINGIRA kuba icegera c’umukuru w’umugambwe hamwe na Egide (...)

Umukenyezi Cécile NSHIMIRIMANA niwe yemejwe n’abanywanyi b’umugambwe FROLINA ngo arongore uwo mugambwe mu matora yabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 11 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Naho hatanguye kuba impari, hagati y’uwahora ari icegera c’umukuru w’umugambwe hamwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe basohotse ahariko habera amatora bavuga ko ikoraniro ryatumweko hadakurikijwe amategeko,abayoboke b’umugambwe FROLINA bemeje kandi Dieudonné RUSHINGIRA kuba icegera c’umukuru w’umugambwe hamwe na Egide NGENDAKUMANA kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe.

Mw’ijambo ryiwe ahejeje kwemezwa n’abanywanyi, Cécile NSHIMIRIMANA umukuru mushasha w’umugambwe FROLINA yavuze ko umugambwe arongoye ari umugambwe wigenga kandi ko ushigikiye inzego zirongoye igihugu.

Cécile NSHIMIRIMANA yamenyesheje ko umugambwe arongoye ushigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro kandi ko ushigikiye ibiganiro bihuza abarundi bibera hagati mu gihugu hamwe n’ubwigenge bw’igihugu.

Ku bijanye n’amatora azoba mu mwaka wa 2020, umukuru w’umugambwe FROLINA Cécile NSHIMIRIMANA yavuze ko umugambwe FROLINA uzokwitaba ayo matora uri mu runani.


Kumenyekanisha

1
Beach 14-03-2017 à 09:56

Uwo Wo nowutsinda tutanahiganywe naho nokwitoza ku giti cajenyene

2
Wakera 13-03-2017 à 18:42

Uwu n’umugambwe wahe utagira abanywanyi !! Ni DD iriko iradusamaza twarayihinyuye kera !! Uwo Cécile nasegerereze ariko naba DD ntibakwiwe bose nivyo basahura ! God damn her

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha