IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Umugambwe MSD ntiwatangajwe n’ibihano wafatiwe"

"Umugambwe MSD ntiwatangajwe n’ibihano wafatiwe"

vendredi 14 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe MSD umenyesha ko utatangajwe n’ibihano wafatiwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, aho uwo mugambwe wahagaritswe mu kiringo c’amezi atandatu. Muri uwo mugambwe bavuga ko iyo ari ingendo y’ukubandanya kujuragiza imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) ashikiriza ko iyo ngingo yafatiwe umugambwe MSD idatangaje, kuko uwo mugambwe udahengeshanya gushira ahabona ubugizi bwa nabi bukorwa n’ubutegetsi bw’i Bujumbura. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bamenyesheje ko iyo ari ingendo y’ukudindiza ibiganiro.

Umugambwe MSD uvuga ko ibikorwa vyawo bidakorerwa mu ngoro z’imigambwe gusa, ahubwo ko biri mu kwitanga kw’abanywanyi b’uwo mugambwe.

Ibikorwa vy’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA vyahagaritswe kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE.

Iryo tegeko ry’umushikiranganji rivuga ko umugambwe MSD uhagaritswe mu kiringo c’amezi atandatu, n’inyubakwa z’aho uwo mugambwe ukorera mu gihugu cose zigategerezwa kwugarwa mu gihugu cose.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasiguye ko uwo mugambwe ufatiwe ivyo bihano kubera umukuru wawo, Alexis SINDUHIJE yavugiye ku mugaragaro ko agiye gutanguza umurwi witwaje ibirwanisho urwanya Reta y’Uburundi.

Abanywanyi b’uwo mugambwe nabo bagirijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko babandanya kwerekana ingendo y’urwanko hamwe n’ubugizi bwa nabi.


IGIHE

Messages

  • pascal urukagwamwiwese numuryangowawewose iyuvukagera

  • None mwabanwanyimwe ba MSD none birya umukuru wuwo mugambwe wanyu yavuze vyuko agomba kurasana na reta yu Burundi murabishigikiye?
    Ndabasavye muce ubwenge nimbakoko mukiri babandi bakunda igihugu bayobitagenze ukwo muzokwisanga muharanira inyungu zibindibihugu canke muharanira inyungu zabandi bantu nomubindibihugu maze abanyu bomugihugu canyu birirwe murwamo rwamasasu nabo mubihugu vyabo hatekanye , none inyungu yamasasu mugihugu canyu izoba ariyihe? Ubonako kwijira muntambara yamasasu ishobora nokugutwara imyaka makana ivyowashaka utarabishikako, ariko intambara yoroshe kandi ishobora kugushikana kuco ushaka mumyaka yavuba nukwereka abanyagihugu kubakunda kutabipfuriza icocose nobaswazamwo amasasu noneho mumatora bakaguhunda amajwi ukwoniko Trump wa America yabigize, niko Magufuli wa Tanzania yabikoze.
    Nayo ivyo vyiyomvugo yuwomwita shobuja wanyu yavuze (Sinduhije) sinobabesha bizobambura agashambara.
    Inamayanyuma nobagira murakwiye kuvugira ahabona mukamubwira muti igihe twashinga umugambwe aticanke igihe twinjira umugambwe ntitwaritwabonyemwo icowavuze cokurasa amasasu atikubwivyo ntukirongoye uyumugambwe ativyumvikana kowinjiye canke watanguje uyundi mugambwe atirero turaje tugusubirize nimba ayanezi atandatu azohera utarasaba abanwanyi nabarundi ikigongwe kubwayonajambo wavuze.
    Ivyonimwabikora muzobamweretse abandibarundi bomuyindi migambwe ko mutari abiteguye gukorana na Sinduhije kurasa bene Burundi kandiburya namwe ayomasasu ntazobatinya nicogituma ndabipfurije kwitandukanya na Sinduhije bivanye namajambo yamuvuye mukanwa nacane cane mugihe azoba atasavye ikigongwe mwebwemusangiye umugambwe ekandetse abarundibose.

  • Ereg Vyas Mungumu Dushira Mumigere

  • Pascal Nyabenda Warukwiye Kuvuka Kuri Herodi Ugahitanwa Nurwahitanye Barya Bana Ariko Nubu Uragapfa Utarose Amahoro Numugore Nabana Bawe Bose Nimbwa Nakayabu Nimbeba Birimuzu Iwawe Ntivyigere Bironka Amahoro Wankwe Nabavyeyi Wankwe Nibibondo

  • Urupfu Rwa Cakijuju Imburakimazi Ciyitango Niwakera Rugomba Rushike Pima Kwanza Uone.

  • Urupfu Rwa Cakijuju Imburakimazi Ciyitango Niwakera Rugomba Rushike Pima Kwanza Uone.

  • ahubwo,arinkajewe nfise uburenganzirabwoguhagarika ubwobugambwe bwubujagari nobufuta,hagasigara,nimiburiburi,imigambe ine,irahagije,

  • bari kubareka burya umugabo yovyara abana benshi niho azobona abamwemera nabamurwanya muga ari umwe ntupfa umunye na a.

  • Guhagarika Ibikorwa Vy Umugambwe S Umuti W Inzara N Umutekano Udasize Inyuma Ubushomeri Bugishibije Muri Buno Burund.Ahubwo Bibuka Ko Umugambwe Atari Umuntu Ko Ari Abanwany.Kuk Reta Itanguye Gutinya Utujambo?Dusanzwe Tuyiziho Kwihagararako Ahubwo Nawe Nimufate Imupfunge Yibagiy Umukenyuro Wanyuma Naho Muri Karate Ari Ukwiruka?

  • Msd Numugambwe Wamacakubiri Ahubwo Nibawufute Utara Dukwegera !

  • Msd Numugambwe Wamacakubiri Ahubwo Nibawufute Utara Dukwegera !

  • Msd Numugambwe Wamacakubiri Ahubwo Nibawufute Utara Dukwegera !

  • @Cobla, Nabonye ivyo wanditse kuri jewe ariko niwaba ubikura kumutima atari ukubera buruguri ukumva biguha amahoro Pasika nziza .

  • @Wakera, biragoye kugira wipfurize umuntu Paska nziza mugihe ahurihose uguma usubiramwo yamajambo abayuda basemerera bavugango Yezu ngonabambwe nabamwe,maze wewe nawe ukabuguma ahurihose uvugango’ fatira ibihano uburundi fatira ibihano abarundi bosebari mu Burundi, bikagirako ukifatanya nabagandagura abarundi maze baheza kugandagura abarundi ukaca usimbira kwisunzu ryinzu ngo reta yuburundi iramaze abantu ngonimuyibambe muyifatire ibihano ngomaze mugire abera abashatse gutembagaza ubutegetsi nabaturiye abantu.
    Nukuri abantu nkabo bakomeza kuvuga nguburundi bufatirwe ibihano baba bariko baratoneka Yezu mwazangovu zahamwe bamutera imisumali namuriyamabavu yazankoni zamahwa bamukubita, ariko ivyovyose murabikora mukibaza kw’Imana ihwanye namwe iconobabwira nuko igiye kubashira ahabona nimbamugumye ukomurukwo maze Imana ibashire ahabona amahanga yibonera kandi ibitaribike ababona biramaze gutangura, abadahagaritse gukomeza kwiruka inyuma yu Burundi nabarundi , rwaruzi rwamira zangabo za Frawo ziruka kubanya Israel , rurabamira ntakibuza, kuko Imana yo ntikira kandi ifise ububasha bwose irababona kuko ibona nibiri mumwiza hariya mumitima yanyu.
    Mwihane mwisubireko bigishoboka.
    Paska nyiza kurimwese kand’Amahoro y’Imana arengeye ko yomenwa nabantubose ashibamire mumitimayanyu.
    Amen.

  • Uyu mugambwe urimo intagondwa nyinshi zimeze nka WAKERA-sans echec mujeri(imbwa)

  • @Mukristumurugendo, Murahumba ibihano birafatwa ntakabuza!! Ubutegetsi bw’icaduka butegerezwa gusezererwa, imbonerakure zisamburwe!!!

  • Wewe Wakera, kowashoboye gusoma impanuro naguhaye wagizeneza cane nipfurije konabandi bamezenkawe bozisoma.

  • Twebwe Nuku Umuntu Abayeho Ataco Yinona Ivyo Vyukurwanya Ubutegetsi Ntibiryoshe Nagat

  • Msd Basare Bareke Azobatwara Imyaka Yose ,ahubwo Nyakwubahwa Peter Niyiyongere Iyindi myaka 10 .Sinduhije Nawe Azopfira Mwibarabara,azokwame Mubuhungiro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.