IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD ntiwemeza ko Alexis SINDUHIJE yatumiwe mu biganiro

Umugambwe MSD ntiwemeza ko Alexis SINDUHIJE yatumiwe mu biganiro

lundi 13 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’umugambwe MSD, umwe muyitavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi amenyesha ko inyuma y’aho hatangarijwe iyindi tariki y’ibiganiro bizobera i Arusha, ata nyishu biteze muri ivyo biganiro. Muri MSD bavuga ko batumira umugambwe canke batabatumira vyose kuribo ataco bivuze mu gihe vyoba vyatunganijwe na Benjamin William Mkapa.

Uwo mugambwe wagiriza uwo muhuza ko mu rugendo yakoze mu kwezi kw’icumi na kabiri, yerekanye ko ahengamiye ku ruhande rw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

"Imigabwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Nkurunziza ihurikiye mu runani CNARED yaramaze gusaba ko Benjamin William Mkapa atazi akazi k’ubuhuza yosubirizwa hakaboneka uwundi muhuza afise ubushobozi bwo gushobora guhuza abarundi. Nta kuntu rero twokwiyamiriza umuntu hanyuma ngo tugende kumwitaba ivyo ntivyoshoboka, kanatsinda kwitaba Mkapa ntaho bitandukaniye no kwitaba Nkurunziza.", uko niko Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi w’umugambwe MSD yabishikirije.

Muri MSD bavuga ko ata biganiro n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Nkurunziza bishoboka kuko kwoba ari "guhemukira abarundi, hamwe n’ukwiyibagiza abarundi benshi bapfunzwe bazira ubusa, nukwiyibagiza amagorwa atagira izina abarundi barimwo, hamwe n’abarundi barenga ibihumi amajana atandatu bataye bakomoka."

Umugambwe MSD urahakana ariko ibivugwa na bamwe n’abandi ko umukuru w’umugambwe MSD, Alexis SINDUHIJE ashobora kuba yararonse ubutumire bw’umuhuza Benjamin MKAPA.

Umuvugizi wa MSD agira ati : "Ntashobora kuvyitaba kuko twebwe ingingo yo kwitaba ibiganiro canke kutavyitaba ifatirwa mu mugambwe, niho hashobora gufatwa ingingo ko uyu canke uyundi ashobora guserukira umugambwe muri ibi canke biriya".


IGIHE

Messages

  • rekahengame biramusha subwokobumwe nabafirimasoni

  • Ntibitangaje Kumugambwe Msd Utokwitaba Ibiganiro Kuko Wamye Ariwuterakajagari Mugihugu Na None Uragaragaje Ko Udashakira Abarundi Amahoro Kuko Ntaho Intambara Izoshika Batagiye Kuntebe Yibiganiro.Nayo Kwanka Umuhuza Ntibifashe Kuko Sukuvugako Irya Yindi Migambwe Abarongozi Bayo Boba Aribijuju Ahubwo Msd Iraraba Neza Yikubitagashi Yigarure.Murakoze.

  • Nukuri Niyitabe Mureke Gusigara Inyuma Kuko Nkuru Siwe Mwoganira Kuko Yaramaze Kuba Uwashetani Rero Mwogabanya Ishavu Kugira Tura Nkur Koyovako

  • Nacane cane aba jeune ba MSD bari mubusho butandukanye none nibavuge uko bob babitegekanya kuk uburundi burarushe

  • Ubwo Aregisi Sinduhij Yank Ibiganir Kugir Azoz Aziy Guter Uburund Ngo Abahunz Barik Barafom Igisod Mur Kong Eh Barund Murameny Ko Arukeny Afis Ubwen Gihug Bubir Non Murakenyey Dutwagw Nabanyamah Iryo Ntirikab !! (::@::)

  • Ariko hariho abantu bihenda kandi bafise iyindi shusho y´igihugu none nkubu Alexis sinduhije abona ABARUNDI bazomwihanganira? natahe bazomwereka ico arico.

  • Boshaka bokwitaba kuko inyishu yibibazo izova mu kuganira kandi noneho inama isumba ingimba ukuri nakwo gushirira mukuyaga

  • Jew Simbona Ic Alexi Sinduhije Ikimubuz Kwitab Ibiganir Non Agomb Intambar Jew Ic Nomuhanur Yokwitab Ibiganir Nivy Vyubak Erega Kuganir Nivyiz .Kandi Ic Twokwiyamiriz N Intambar Kuk Muburund Habay Intambar Nyishi.Murakoz

  • Sinduhije=terroriste mujeri

  • Uwo sinduhije ndabarahiye KO narota atera igihugu c’uburundi cank agifatishe umuhetontabagabo bijunja nijambo bazoba bakiriho arko nabigerageza tuzomubereka ar impfungwa(Prisonier )cank umufu(morte)ivya msd navyo nibikirigite ntamwabamenjamwe muzigera mwicarana na l’ETA.

  • NIBAKORE TWEBE UHORAHO AZODURA AHABEREYE

  • Kwitaba MKAPA, kwoba arikugutumwanya, ingingo mwafashe yukutitaba niyukuri. MKAPA yarerekanye ahahagaze, kuvakera iyo umushingatahe yerekanye ahahenganiye murubanza, urworubanza rwarangira atasubiye kugira icashikiriza kururwo rubanza, bisigura yuko uwomushingantahe yaba yariye igiturire. Aboyariko arumviriza bamwanse, bategerezwa kumvirizwa nabandi. kubwivyo Mkapa vyaramunaniye nakinjure abisi ababishoboye, abazoba bagiye nabo bazoba bashimye kuza kwirira akanyama kabaTanzania, musazwe muziyuko aba Tanzania kwarabambere mukworora udusuguma!.

  • Ikibanza cya Sinduhije kiri mu Mpanda . kandi kiramurindiriye isaha nisaha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.