IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD umenyesha ko hari icinyegeje inyuma y’ibiganiro bibera i (...)

Umugambwe MSD umenyesha ko hari icinyegeje inyuma y’ibiganiro bibera i Arusha

samedi 2 décembre 2017

Mw’itangazo ry’umugambwe MSD ryo kw’igenekerezo rya 1 Kigarama 2017, umugambwe MSD umenyesha ko bimwe mu bizognirwako i Arusha bitaza gutorera inyishu ikibazo nyamukuru catumye haduka indyane mu gihugu, ico naco kikaba kijanye n’itunganywa ry’amatora mu muco nk’uko bisabwa n’amategeko mpuzamakungu, bikerekana ko hoba hari icinyegeje inyuma ku ruhande rw’abatunganije ibiganiro.

Umugambwe MSD wibutsa ko imbere y’uko hatunganywa ibiganiro ku ncuro ya gatatu mu kwezi kwa kabiri, umuhuza yari yatanze urwo rutonde nyene kugira bagire ico baruvuzeko, ari navyo bituma mu mugambwe MSD bibaza ko hari ibindi vyinyegeje inyuma ku ruhande rw’umuhuza.

Muri iryo tangazo,umugambwe MSD werekana amakenga ku ca mbere kijanye n’umutekano, ica kabiri n’ica kane biraba ibijanye n’ishirwaho rya Reta yubahiriza amategeko, hamwe n’ugukomeza intwaro rusangi no guha uburenganzira bungana abanyeporitike bwo gukorera mu gihugu.

Umugambwe MSD ukavuga ko umufasha mu biganiro Benjamin Mkapa ko naho yasavye abari bitavye ibigniro vyatumweko ku ncuro ya kabiri kugira ico bavuze ku rutonde rw’ibiriko biraganirwako muri iki gihe,atigeze afatira ku vyashikirijwe n’impande zose.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.