Umugambwe MSD umenyesha ko utazokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 novembre 2017 saa 10:12
17310
0 0

Mu gihe umufasha w’umuhuza yatumyeko ibiganiro kuva kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo gushika kurya 8 Kigarama 2017,umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarite et la Democratie) umenyesha ko utazokwitaba ivyo ibiganiro bizobera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umugambwe MSD ryo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017, uwo mugambwe umenyesha ko umunyamabanga mukuru w’umugambwe yaronse ubutumire burungitswe n’umufasha w’umuhuza William Benjamin Mkapa, kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2017.

Naho ubutumire bwabashikiriye, umugambwe MSD umenyesha ko kubera ushigikiye akamo k’urunani CNARED-Giriteka uwo mugambwe usanzwe urimwo ko kutitaba ibiganiro, umunyamabanga mukuru w’umugambwe Francois NYOMOYA yamenyesheje kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017 ko atazokwitaba ubutumire.

Muri iryo tangazo,umugambwe MSD wibutsa ko wamye ushira imbere ibiganiro nk’umuti nyawo wo gukura Uburundi mu ngorane burimwo kuva mu mwaka wa 2017,ivyo ukabimenyesha wisunze ko wanashize ahabona urupapuro rw’inzira rwerekana uko ibiganiro vyofata inzira irashe ishikana ku mahoro arama.

Umugambwe MSD ukamenyesha ko inyuma y’ibiganiro vyatunganijwe ku ncuro ya gatatu, kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma 2017, waneguye ivyabivuyemwo, kuko umuhuza asa naho yahejeje ibiganiro bitaratangura.

JPEG - 50.6 ko
Francois NYOMOYA,umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD

Umugambwe MSD umenyesha ko ugihagaze ku biganiro, kandi ukemeza ko ufise ishaka ryo kwitaba ibiganiro biteguwe mu buhinga buzwi kandi bwemewe hose na bose, mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha