Umugambwe MSD uragabisha ko ikibazo c’Uburundi gishobora gutandukira akarere

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 18 Nyakanga 2017 saa 09:52
Yasomwe : 24948
0 0

Umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarite et la Democratie) umenyesha ko mu gihe ikibazo c’impunzi z’abarundi kitokurikiranirwa hafi n’amakungu gishobora kugira ingaruka ku mutekano w’akarere kose.

Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kuwa gatandatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2017 inyuma y’urupfu rwahitanye abarundi 34 n’abandi 124 bakomeretse mu buseruko bw’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo,uwo mugambwe umenyesha ko wari waburiye amakungu ko ikibazo c’Uburundi kizotinda kigashikira akarere kose.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD François NYAMOYA, umugambwe MSD umenyesha ko bafatiye ku nyanduruko y’ivyabaye biboneka neza ko ata kindi vyavuyeko atar’uko abategetsi b’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo batariko bakurikirana neza ikibazo c’impunzi z’abarundi.

Abo barundi bishwe mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017 bariko basaba irekurwa rya bagenzi babo bane bari bafashwe, bakaba bari bumvise ko bashobora kurungikwa mu Burundi.

Vyahavuye bimenyeshwa ko umusirikare umwe w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo yahasize ubuzima mu mishamirano yabaye hagati y’abo barundi n’abajejwe umutekano.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha