Umugambwe MSD urashima ivyashikirijwe na Michel KAFANDO

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 Mukakaro 2017 saa 04:02
Yasomwe : 10908
0 0

Umugambwe MSD umenyesha ko wakiriye neza ivyashikirijwe n’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi Michel KAFANDO, imbere y’Inama ya ONU ijejwe umutekano,kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2017.

Umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko ivyo Michel KAFANDO yashikirije bihuye n’ivyo umugambwe MSD washikirije mu rupapuro rw’inzira, ko ibiganiro bidakumira vyoshirwa imbere mu gutorera inyishu ingora ziri mu Burundi.

Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD avuga ko naho ibiganiro bitunganywa, umugambwe CNDD-FDD na Reta arivyo vyama uri intambamyi,mu kuvuga ko ata biganiro bishoboka hagati ya Reta n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Umuvugizi w’umugambwe MSD asaba umugambwe CNDD-FDD na Reta ko boshira imbere ineza y’abarundi bari mu gihugu hagati n’abari mu buhungiro, biciye mu kwumviriza impanuro zitangwa n’impande zitandukanye.

Reta y’Uburundi ibandanya kumenyesha ko n’ibiganiro bibera mu gihugu vyohabwa agaciro, ibiganiro bibera hanze y’igihugu bigatahukanwa ku butaka bw’igihugu kugira abarundi bose bahabwe ijambo.


Kumenyekanisha

1
Aron 28-07-2017 à 11:23

uwo Mugabo Kwakanura Nkumunwarumogi??Abo Kwa Sinduhij Nabo Gutinya Kabisa!

2
Bushoro 28-07-2017 à 09:07

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha