Umugambwe MSD urashima ingingo y’abacamanza ba CPI

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 13 Munyonyo 2017 saa 12:12
Yasomwe : 7200
0 0

Umugambwe MSD uheruka gufatirwa ibihano vy’uguhagarikwa vy’imfatakibanza urashima ingingo yafashwe na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, y’ugutanguza amatohoza mu Burundi. Uwo mugambwe usaba abanywanyi bawo hamwe n’abandi barundi kubandanya kwandika amabi akorwa.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uwu wa mbere, Fransisko NYAMOYA, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe amenyesha ko muri uwo mugambwe batera intege abashingwamanza bemeye kwitangira imiryango y’ababuze, mu kuyiburanira.

JPEG - 50.6 ko
Fransisko NYAMOYA, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD

Muri iryo tangazo ry’umugambwe MSD bavuga ko bashigikiye abo bashingwamanza : "Tubasaba kutadebukirwa na gatoyi, babandanye urugamba batanguye, turabashigikiye."


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha