Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD urashima ivyashikirijwe n’umurwi ukora amatohoza ku (...)
Umugambwe MSD urashima ivyashikirijwe n’umurwi ukora amatohoza ku Burundi
samedi 17 Ruheshi 2017
Mw’itangazo umuvugizi w’umugambwe MSD yashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017,umugambwe MSD umenyesha ko bitakiri ikinyegezwa ko hari amabi akorwa mu Burundi, kandi agakorwa n’abari mu butegetsi n’abajejwe umutekano.
Muri iryo tangazo ,umuvugizi w’umugambwe MSD avuga ko kwankira abahinga kuza kugira amatohoza mu Burundi bitazobuza ko amabi ariko akorwa mu Burundi amenyekana.
Umugambwe MSD urangiza uvunira akagohe abarundi ko ibidakorwa batotinya gushira ahabona no gutanga ivyemezo kuri uyo murwi ukora amatohoza ku Burundi .
MUGISHA Van Naris