Umugambwe MSD usaba ko abanywanyi bawo bahagaritswe barekurwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 8 Ruheshi 2017 saa 12:04
Yasomwe : 4329
0 0

Umugambwe MSD (Mouvement pour la solidarité et le
développement) usaba ko ababo bapfunzwe borekurwa kuko ataco bazira atari ivyiyumviro vyabo vya politike.

Umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko abahagaritswe bose atana kimwe bazira ari naco gituma borekurwa ata kirinze gusabwa.

JPEG - 36.8 ko
Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi w’umugambwe MSD

Umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko bababajwe n’uruhigi rudasanzwe hamwe n’agatotezo no kurya umutima biriko bikorerwa abanywanyi babo.

Ivyo babishikirije inyuma y’ifatwa rya NSABIMANA Dieudonne batazira BANGA yari muri komite irongoye umugambwe mu gisagara ca Bujumbura yafatiwe mu Kamenge, hamwe na Vénérand Habonimana yafatiwe muhira iwe, muri komine Mugongo manga, mu ntara ya Bujumbura rural.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha