Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe RANAC ntuzokwitaba igikorwa co kwiyamamaza
Umugambwe RANAC ntuzokwitaba igikorwa co kwiyamamaza
vendredi 4 Rusama 2018, par
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Rusama 2018, Umukuru w’umugambwe RANAC, Aloys BARICAKO yamenyesheje ko igikorwa co kwiyamamaza kijanye no guhamagarira abanywanyi kuzotora "Ego canke "Oya" atari igikorwa c’imigambwe ahubwo ari igikorwa ca Reta yonyene.
Aloys BARICAKO atwara RANAC yavuze ko no mu mwaka w’i 1992 hamwe no mu mwaka wa 2005 ata migambwe yagiye kwiyamamaza ibwirizwa nshingiro ryari ryahinyanyuwe ariko vyakozwe na Reta.
Aloys BARICAKO yavuze ati : “Igikorwa kijanye n’ibwirizwa nshingiro categerezwa gukorwa n’ubutegetsi si ikibazo ca Reta.”
- Aloys BARICAKO umukuru w’umugambwe RANAC
Umukuru w’umugambwe RANAC yamenyesheje ko ikiringo bihaye co kurindira ko baronka iryo bwirizwa nshingiro giheze bazoca babwira abanywanyi babo batore ikiri ku mutima wabo.
Aloys BARICAKO yongeye kandi amenyesha ko naho batazoja mu gikorwa co kwiyamamriza ibwirizwa nshingiro bidasigura ko ibikorwa vy’igihugu bitabaraba.
Aloys BARICAKO yagize ati : “Ibikorwa vy’igihugu biraturaba naho tutazoja muri ico gikorwa. Nico gituma turiko turabikwirikiranira hafi.”
Vianney BIKORIMANA
Messages
6 Rusama 2018, 02:03, par Nimbona
Uyu sumunyepolitike yitwa ntaho mpagaze ntashuha canke ng akanye navuge ah ahagaze areke kubesha abantu ntanabanywanyi bashika20 afise jewe ndamuzi neza yirigwa arakina dame nababasuma bokuri bata uwogir impari ejo 16 h azogende kuri bata azomusangayo