Umugambwe RANAC uvuga ko ibizoshikira Domisiyano NDAYIZEYE bizobazwa Sylvestre NDAYIZEYE

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Mukakaro 2017 saa 09:29
Yasomwe : 26820
0 0

Umugambwe RANAC umenyesha ko ibizoshikira uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sylvestre NDAYIZEYE bizobazwa umuhuzabisata wa CNDD FDD ariwe Sylvestre NDAYIZEYE, bitewe n’amajambo yashikirije inyuma y’imyiyerekano y’Imbonerakure za CNDD FDD.

Mu mugambwe RANAC bavuga ko nk’umunywanyi wa RANAC, akaba n’uwahoze arongoye Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE afise uburenganzira bw’ugushikiriza ico yiyumvira ku buzima bw’igihugu. Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC akabona ko uwo mukenguzamateka atoca azira ivyo yashikirije.

"Umushingamateka NDAYIZEYE Sylvestre azotegerezwa kwishura ku gahanga kiwe igihe umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE yogira ingorane, haba mu muryango wiwe, abagenzi biwe, canke abo bagendana, kubera yarabivuze."

Mu myiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabaye kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, Sylvestre NDAYIZEYE arongoye imihari ikomoka ku mugambwe CNDD FDD, harimwo n’Imbonerakure, mw’ijambo yashikirije inyuma y’iyo myiyerekano, yamenyesheje ko umugambwe CNDD FDD udakeneye impanuro uhabwa n’uwo yahoze arongoye Uburundi. Yamugabishije avuga ati : "Ururimi rugasubira kumunyerera tuzomukorerako kugira amenye ico yubaha. Akeneye kuba icitso c’Ababirigi aragenda wenyene. Ntituzomuha agahengwe."

JPEG - 75.3 ko
Sylvestre NDAYIZEYE, umuhuzabisata w’umugambwe CNDD FDD

Ku mpanuro uwo yahoze arongoye Uburundi yari yahaye Imbonerakure za CNDD FDD, uwuziserukira Sylvestre NDAYIZEYE yamubwiye ko ata cirwa afise atanga ku Mbonerakure, kuko nta mwana wiwe ariyo, atawigeze kubayo, kandi ntakahabe, nk’uko vyavuzwe n’iyo ndongozi y’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

Umunyeporitike Tasiyano SIBOMANA amenyesha ko ivyashikirijwe n’umuhuzabisata w’umugambwe CNDD FDD, Sylvestre NDAYIZEYE atari ivyo gufata minenerwe kuko Imbonerakure zabibwiwe zishobora kubifata nk’itegeko mu kugirira nabi Domisiyano NDAYIZEYE.

asiyano SIBOMANA avuga ko muvyashikirijwe n’uwuzerukira Imbonerakure, bitangaje kuba yabirorereshe ku moko, iyo nayo igashobora kuba iyindi mbarutso y’ukugirirwa nabi kwa Domisiyano NDAYIZEYE.

"Kumwita icitso aba ariko yerekana ko umuhutu wese atavuga rumwe na CNDD FDD ari nyagupfa, ari uwo gucira ku buhomba. N’imbonerakure itari yashoboye gushika i Bujumbura yaraye yumvise ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD FDD ku wahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Domisiyano NDAYIZEYE."


Kumenyekanisha

1
BUSURAHENDE 28-07-2017 à 14:11

Muri CNDD-FDD uw’ariwe wese ashikiriza ivyo yishakiye naye ubundi baba bamaze kumwigarama kuko ivyo yashikirije n’akamaramaza.

2
Cobla Rouge 28-07-2017 à 11:23

Bitari kera Ndayizeye Sylvestre azobibazwa nkuko Leon Mugesera wo mu Rwanda yavuze ijambo muri 1992 ku Kabaya-Gisenyi ahamagarira Abahutu kwica Abatutsi bikaba vyarabaye ubu arapfunzwe arivyo azira,Ndayizeye Sylvestre azopfa yangara nka Gahini

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha