Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe RANAC wiyandikishije kuzokwitaba ukwiyamamaza mu matora (...)
Umugambwe RANAC wiyandikishije kuzokwitaba ukwiyamamaza mu matora y’ibwirizwa nshingiro
mardi 3 Ndamukiza 2018, par
Aloys BARICAKO arongoye umugambwe RANAC yamenyesheje ko biyandikishije kugira bazoje mu bikorwa vy’amatora, kuko mu mategeko ngenderwako y’uwo mugambwe hasanzwe harimwo itegeko ribuza gusiba amatora.
Ku vyerekeye ugufatwa kwiwe guheruka mu misi iheze, Aloys BARICAKO yavuze ati : "Vyaranshikiye nivyo ariko nta muntu bica intege, ikibwirizwa ni ukugira inguvu kugira tugwanire intwaro rusangi kuko ituma igihugu gitera imbere."

Aloys BARICAKO yavuze ko kubera idosiye yiwe itarahera atari vyiza kuvuga icatumye afatwa ariko yemeje ko ivyatumye afatwa harimwo ivya poritike akora.
Uwo arongoye umugambwe RANAC yasavye ko urubuga rwa poritike rwugururwa kuri bose.

Vianney BIKORIMANA
Messages
7 Ndamukiza 2018, 10:33, par Ridimix - b
Hari Imigambwe Ikwiy Gufutwa Muburundi Kuko Atabanywanyi Ifise.