IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA uramutswa abarongozi bashasha

Umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA uramutswa abarongozi bashasha

lundi 20 Ntwarante 2017

Kassim Abdoul niwe yatowe ngo arongore umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA mu matora yabaye mw’ikoraniro ridasanzwe ry’uwo mugambwe ryabaye kuwa gatandatu,igenekerezo rya 18 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Abandi batowe ngo babe mu ndongozi z’umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA ni Dieudonne CIMPAYE yatowe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe hamwe na Albert MUDENDE yatowe kuba umunyamabanga nshingwabikorwa.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa,Kassim Abdoul yamenyesheje ko agiye gushika mu banywanyi b’umugambwe aho bari hose kuva ku mutumba, kuri zone, ku makomine no gushika mu ntara zose, mu ntumbero yo gukomeza umugambwe.

Umukuru w’umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA Kassim Abdoul yamenyesheje ko ingorane zo kutitaba amatora nko mu mwaka wa 2015 zitazosubira, ariko ko umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA uzokwitaba amatora yo mu mwaka wa 2020.

Kassim Abdoul yahamagariye abarundi kutumviriza abahungabanya umutekano n’intwaro rusangi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.