IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA wasubiriye muri CNARED

Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA wasubiriye muri CNARED

lundi 7 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

UPD ZIGAMIBANGA, umwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi, wasubiriye mu runani CNARED. Muri uwo mugambwe bamenyesha ko urugamba rw’uguhabuza ubwigenge hamwe n’intwaro rusangi rubandanya.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bamenyesheje ko ingingo yari yafashwe y’ukuva mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura itari yisunze amategeko hamwe n’akarangamutima k’uwo mugambwe.

JPEG - 18.4 ko
Chauvineau MUGWENGEZO, umukuru w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA

Iryo tangazo ryateweko umukono na Chauvineau MUGWENGEZO, umukuru w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA, rivuga ko poritike y’Uburundi aho igeze bisaba ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakorera hamwe mu runani.

Uwo mugambwe ukaba umenyesha ko wiyemeje kubandanya ukorana n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari muri CNARED, gushika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA busezerewe.

IGIHE

Messages

  • urwo nuruyeri, none uwo mugambwe ifise abanwanyi bangahe,uvuyemo utavuyemo vyose cimwe.

  • @mutama erega hari mugushirwaho reta mfatakibanza gurtyo bazoronka ubutegetsi bose nka kumwe kwo kuri porona na forodebu yo mu myaka iheze.

  • Uwowe avuyehehe ubu gayemwe ntimwoteshwa ngo mute?aho muri hose murota musambura uburundi?

  • Uwowe avuyehehe ubu gayemwe ntimwoteshwa ngo mute?aho muri hose murota musambura uburundi?

  • MUGWENGEZO UBWO URINUBWE ESEKO ARIWEWASEZEYE NIBA ARIVYO WITEZE KO ISEZERA HORA WIMANITSE NTUZURINDE KUMUGWA UBONA WAMUKEHABWENGEWE BASHA EGO MWARAPFUYE NABI PFAWANGARA GUKONBA AMAGUFA MUBAZUNGU

  • Umvarero ndababwire gerageza ukwobishonokakwose muhagarike uwowese yiyenereye kwakorana nurunani sinared cokimwe nuwowese agize umurwi utazwi muri reta kuko kwisinzima mubihugu bitandukanye hariho umurwi itemewe nibihugu iba ivamwo ariko nubwobakora bakorabinyegeje sinkuku ndabibonye hano iwacu Burundi.
    Umugambwe uzwi mugihugu ukiyenerera ko ugiye gukorana nikintu kitazwi mugihugu cu Burundi!!!???
    UMVANDABAHE UBURORERO:
    BOKO HARAMU NIJERIYA HOBAHO UYUNDI MUGAMBWE UZWI MUGIHUGU WOVUGANGO NGOMBANKORANE NA BOKO HALAMU?
    MURI IRAK ISLAMIC STATE HARUMUGAMBWE WOMURI IRAK UZWINA RETA WOTANGAZA KUGIYE GUKORANA NAYO?
    Mwenabo camubahagarika bakorere mukinyegero mubarwanyirize hamwenabandi.
    MBENTIMUZI IMPAMVU BADUKABYE IYOMVUGO KO HARI ABASIRIKARE BABIRI BAKURU BOMU RWANDA BARAYE BAGIYE KUBONANA NA SINARED MUGIHUGU CU BUBILIGI MUNTUMBERO YOGUHANA AMASEZERANO NGOBAFASHE SINARED KURWANA BATINYEGEZA KUKO HARI ABABIRIGI BARIBUMVISE KO URWANDA RUGOMBA GUHAGARIKA GUKOMEZA KWIVANGA KUVYO MU BURUNDI NGOBAGARUKANE UMUBANO ARIKO UBUBIRIGI BWACIYE BUTUMIZAKO ABOBANTU BABATEGETSI MUVYAGISIRIKARE NONEHO BABASABA GUKOMEZA GUFASHA SINARED.
    IVYOBARAYE BABABWIYE TUZOBIGARUKAKO IGIHE ABARIYO BADUHA INKURU BAZOBA BATUBWIYE IVYOBASEZERANYE.
    Ariko murabona UPD iciye yiruka ngwikorabenabo ngokugira aba Biligi nibaha igihugu cuburundi SINARED nabo bazokwisangemwo. Ariko murihenda abo uburundi bakorana bakomeye gusumba ububiligi incuro 7 nobabwirako ahababirigi badukanga harikera.

  • Minani Yolanda,aho wihenze gose kuko iyo Boko Haram ikorana n’imbonerakure hamwe n’interahamwe kuko imigambi nimwe,kwica ni kunyuruza abantu,hari umuntu urumva ngo yishwe na UPD mwebwe mwabagandaguririye intwari yabo izuba riva

  • Mbegaukutemera Uburongozi Bivugiki? Bamutoye Aruko Imana Ibigomvye Nukuvuga Kwatawubuza Umugambi Wimana Ahubwo Senga Mutahure Ico Imana Igomba Kuburundi

  • Mbega UKutemera Uburongozi Bwatowenabanyagihugu bivugiki? Petero Nkurunziza Yatowe Nimana. Ndabahanure Muvugemake Musenge Meshicane Mumenye Ico Imana Igomba Kuburundi.

  • ARIKO MUGIYE GUPFAMWANGARA ABUKUNDA UBURUNDI TURI NONE MUGWE KOPITA AZOGUMAHO JEWE ICONBONA UTAZI IYO WAVUYE NIYUJA NTUHAMENYA MWIBAZAKO ABARUNDI TUKIRI IMPUMYI MUZOZAMWAVUZAMAVI ATAWUBAHAMAGAYE

  • Namureke Kugwizamajambo Nimugwize Amasengesho Igikogwa Nic Imana, Nkurunziza Mureke, Mubaze Iyaremye Ijurunisi, Igituma Yariyongeye Intsinzi.

  • Bibilia ivuga kubishushanyo bifise amaso ntibibone none gabene wacu muzobona ryari? jewe nara genzuye nsanga ibimenyetso binyerekako ikibazo c, uburundi kirimwo IMANA none nubu mwebwe murwaya ubutegetsi mwarabajije IMANA ko irimuruhande rwanyu? nimubandanye muzobibona .kuko inankunda kurya yariye agafyera kamumena itama MWIBUKE BWABUHANUZI BWIBIHUGU BITANU URASUBIRA UBWUMVIRIZE NEZA UWABUVUZE NUBU NTACIRWA MURAKURAMWO? UBU UWOBAVUGA KWAGIYE GUPFA BITARENZE 2015 NTAGIHARI? NDAKUBWIJE UKURI UMUNTU ASENGA IMANA YUKURI NUBWO WOMURWAYA UKAMUTSINDA NTUSHOBORA KURONKA AMAHORO AHUBWO UBA WIKWEGEYE GUHONA .UZORABE IVYASHIKIYE SAMUSONI URABE UKUNTU ABAMUFASHE NGOBAMWICE AYO BABONYE.CANKE UZORABE AHO ABISIRAYERI BAVA MURI EGIPUTA UKO VYAGENDEYE ABANYAMISIRI SIMBACIYE INKOKORA NIMUBANDANYE MUKABA MWARABAJIJE IMANA mugasanga irikuruhande rwanyu nimubandanye ataruko muriko mukwegera ingorane uruvyaro rwanyu namwe ubwanyu nusoma iyinkuru izogire ico igufashije .IMANA NTIZIGERA YEMERAKO ICUBAHIRO CAYO GICAFUZWA NUBWO NKURUNZIZA YOKORA ICAHA NTIBISIGURAKO WAHAWE UBURENGANZIRA BWOKUMUHANA .HARIBINTU BIBA KUGIRANGO WEWE UTIHANGANA UHANWE .KANDI BIVUYE KUMANA ATARI KUMURWANIZI.WEWE URONDERWA UHASIGARE UWABIKOZE AKABAHO NIYOMPAMVU KUBAZA IMANA INTAMBARA URIKURWANA BIKENEWE ATARUKO URAHURA NIVYAGO WIKWEGEYE NUSOME 2SAMWELI 24:1 ukirangize hanyuma urabe nkumbure hoho hokwigisha mugire ibihe vyiza murambabarire kunyandiko

  • UPD ZIGAMIBNGA NUZIMANGANYWE NTIBADUSHAKIRA AMAHORO

  • Nukuri ndashimye gose ubwo butwari bwa jovino ahubwo Na bandi Bose bavuye muri cnared ba kwiye gufatiraho aka rorero bagasubirayo kuko bavuyeyo bavuga ko cnared vyayinaniye ariko nabo twarategereje ico ba dushikanako twarakibuze nkaba shimye gose iyo ngingo kuko iki sigihe co gucanamwo canke guharanira ivyicaro ahubwo nigihe co gufatana munda mugutabara igihugu gifukamwe munda Na basesa nkuyoze kuko mucanyemwo muzoba mukamiye mucoze abo bicanyi

  • Mwarosemupfa,,.Garukanyabuna,tubane,murekeguturatura,

  • Leta nirondere abaganga bazi guppima mumutwe baheze basuzume abo bagabo bari muri snrd

  • Komera mushingantahe uwukwanka akwandureko, genda wiyunge nabandi, iyo mihimbiri ya bicanyi muzoruhuke aruko yomotse,itazoba yomotse izoshengezwe.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.