IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA uhagaze kw’iyubahirizwa ry’ivyavuye i Arusha

Umugambwe UPRONA uhagaze kw’iyubahirizwa ry’ivyavuye i Arusha

mercredi 17 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe UPRONA uvuga ariko ko uwo murwi udakwiye kwibagira ko ibwirizwa shingiro rihari ryavuye mu masezerano y’i Arusha.

Olivier NKURUNZIZA, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA avuga ko hari ingingo z’inkoramutima zavuye mu masezerano y’i Arusha zidakwiye gukorwako, kuko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryoba ritaye akanovera.

"Ayo masezerano yafashije igihugu kuva mu ntambara carimwo, nico gituma mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro rishasha ivy’amoko vyoguma bihagarariwe mu ntwaro, mu nzego z’umutekano, kugira imirwi yose igume iserukiwe."

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bashikiriza ko intumbero y’ishirwaho ry’uwo murwi ari umugambi w’ubutegetsi w’uguhindura ibwirizwa shingiro kugira hakurwemwo ibiringo vy’umukuru w’igihugu. Mu mugambwe UPRONA bavuga ko barindiriye barabe icegeranyo c’uwo murwi, akaba ariho bazogira ico bashikirije ku bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu.

Kuri ico kibazo, Olivier MKURUNZIZA yagize ati : "Ibwirizwa shingiro ntirihagaze ku ngingo imwe y’ikiringo. Nivyo harabaye amatati afatiye ku vy’ibiringo vy’umukuru w’igihugu, nivyo vyateye intambara. Niyumvira ko tutoza kwiyumvira ivyo uwo murwi uzokora, kandi utarashikiriza ivyo washitseko. Ariko mu mugambwe w’abadasigana UPRONA tuzogaruka kuri ico kibazo nihagera."

JPEG - 48.3 ko
Olivier NKURUNZIZA, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA

Umugambwe UPRONA wipfuza ko ibwirizwa shingiro rizojaho ryoba irikingira Abarundi, rinywanisha Abarundi, rigatuma batera imbere.

"Uwo murwi wogerageza ntuhengamire ku bawurungitse aba canke bariya, ahubwo urabe inyungu z’Abarundi, na cane cane barabe ntibakuremwo ivyavuye mu masezerano y’i Arusha vyatumye Abarundi banywana, intambara zigahagarara."

Uwo mugambwe wibutsa kandi ko ivyavuye i Arusha mu bijanye n’uguserukirwa mu ntwaro arivyo vyatumye Abarundi bavavanura n’ingorane zabaye mu gihugu. Mu gihe rero vyokurwa mw’ibwirizwa shingiro, abagize uwo murwi bazoba bazanye ibwirizwa shingiro riryanisha Abarundi.


NDUWIMANA

Messages

  • Olivier, ntaco uvuga ivyo kuko mwashigikiye Nkurunziza mutamuzi, azokuramwo ivyamoko urabe abatutsi ko tuzongera kuronka akazi canke umugabane n’umwe muburongozi bw’igihugu

  • @Nibigira
    Erega mwari mwaranize abandi. Reka bagacemwo gatoyi hanyuma baze babasubize. Erega n’ukuza murahanahana! Sivyo none?

  • Ahubwo babuze guhindura bagashiramwo mwitegeko, ryogufata agace kuburundi, bakakomeka kuri Tanzania, akandi kuri Kongo, akandi ku Rwanda, akandi kuri Uganda, niho nobemera kwarabahinga, nakare igihugu carabananiye gutwara! bazi gutanga ibirwanisho mumbonerakure ntakindi bazi gukora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.