Mw’itangazo umugambwe UPRONA wasohoye inyuma y’umunsi umwe amatora abaye, umenyesha ko ushima uko amatora yagenze kuva mu myiyamamazo gushika abaye.
Umugambwe UPRONA urakeza imigambwe n’urunani rw’abigenga ingene bitavye amatora ukungene bigenjeje, ukabashimira kandi k’ukutaryagagurana kwabaranze mu matora.
Muri iryo tangazo, umugambwe UPRONA urashimira ibimenyeshamakuru n’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru ku kungene batanze amakuru ajanye n’amatora, ugakeza kandi umurwi utegura amatora CENI ku gikorwa wakoze, ukawipfuriza no gutera imbere mu gutegura amatora ya 2020.
Umugambwe UPRONA urangiza ushimira abanywanyi bawo ingene bigenjeje mu myiyamamazo no mu matora, ukabasaba gukorera kubizova mu matora kugira bategure intsinzi y’amatora ya 2020.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Michel KAFANDO asaba abanyeporitike b’Uburundi gutorera hamwe ibibazo vy’igihugu
13.09.2018 |
![]() Umurwi CENI watanze icegaranyo c’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro imbere y’inama nshingamateka
26.06.2018 |
![]() Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha mw’ishirwako umukono ry’ivyavuye mu biganiro i Arusha
18.06.2018 |
![]() Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu
15.06.2018 |
![]() Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zatanguye kwisunga ibwirizwa nshingiro rishasha
12.06.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Poritike"... |
Ico kijuju