IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA wemeza ko uzotora "EGO"

Umugambwe UPRONA wemeza ko uzotora "EGO"

dimanche 22 avril 2018

Inyuma y’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe UPRONA yabaye kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2018, Abel GASHATSI yavuze ko bisunze ko ivyiyumviro bashikirije mu murwi wari ujejwe kwiga ingingo zohinyanyurwa vyafatiweko, atacobuza ko baryemeza.

Umukuru w’umugambwe UPRONA yavuze kandi ko asaba abanywanyi b’umugambwe kwemeza ibwirizwa nshingiro, kuko ivyiyumviro nshimikiro vy’amasezerano ya Arusha vyashizwe muri iryo hinyanyurwa.

JPEG - 42.8 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA ku rwego rw’igihugu

Abel GASHATSI ahamagarira ariko Reta, kubandanya ibungabunga umutekano w’abarundi, kandi umwe wese akubahirizwa mu vyiyumviro vyiwe.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, kwiyamamariza ayo matora bikazotangura kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2018, nk’uko vyashikirijwe n’umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.