IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA uhimbaza imyaka 56 iheze uronse intsinzi

Umugambwe UPRONA uhimbaza imyaka 56 iheze uronse intsinzi

lundi 18 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugambwe UPRONA usaba ko ibiganiro bihuza abanyeporitike hanze y’igihugu vyoba ibiganiro bihurikiwemwo na bose kandi bigatunganywa ku buryo ibizovamwo bitoja kubiri n’amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi, amasezerano y’amahoro y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Uwo mugambwe uravuga n’ivyokorwa mw’ihinyanyurwa ry’iryo bwirizwa shingiro.

"Ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ingingo zimwe zimwe z’ibwirizwa shingiro ririko rirakorwa, umugambwe w’abadasigana UPRONA usavye ko intimatima n’akaranga mutima k’ingingo zikomoka ku masezerano y’i Arusha ziri muri iryo bwirizwa shingiro zitokomwakomwa."

JPEG - 55 ko
Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA

Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA asaba umuhuza Benjamin William MKAPA gutunganya mu maguru masha ibiganiro vyutuma uwu mwaka w’2017 uhera habonetse umuti w’impari ziri mu banyeporitike, kuko kubwa Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA, arivyo vyofasha kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020.

Umugambwe UPRONA wabishikirije kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 18 Nyakanga 2017, wibuka imyaka 56 iheze utahukanye intsinzi mu matora y’abashingamateka. Muri uwo mugambwe bavuga ko uwo munsi ari ntibagiranwa.

"Igenekerezo rya 18 Nyakanga ni ntibagiranwa mu mugambwe w’Abasigana UPRONA, kuko ritwibutsa ubukerebutsi n’ubutwari bw’indongozi z’umugambwe z’ico gihe zari zirongowe n’umugamwa atari umugani Rudoviko RWAGASORE, zikaba arizo zadushikanye kuri iyi ntsinzi duhimbaza uyu munsi."

Mw’ihimbazwa ry’iyo sabukuru y’imyaka 56, uwo mugambwe usaba Reta y’Uburundi kubandanya igerageza inzira zose zishoboka zotuma imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu bibanyi iba myiza gusumba, ikanakomeza n’imigenderanire n’ibindi bihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.