IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD wateguye imyiyerekano mu Bubirigi

Umugambwe MSD wateguye imyiyerekano mu Bubirigi

vendredi 21 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bw’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarite et la Démocratie) mu gihugu c’Ububirigi batumyeko imyiyerekano izoba ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2017, isaha indwi z’umurango (13heures), mu gisagara ca Bruxelles.

Nk’uko biri mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, iyo myiyerekano izobera imbere y’ubuserukizi bw’Uburundi mu Bubirigi, ikazokurikirwa n’ikiganiro (Conférence publique) kizoremeshwa na Alexis SINDUHIJE, umukuru w’umugambwe MSD.

Mu mugambwe MSD basigura ko iyo myiyerekano itunganijwe mu ntumbero y’uguhimbaza imyaka ibiri iheze hatanguye ibikorwa vy’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe n’ukwiyamiriza ibihano vyafatiwe umugambwe MSD.

Muri iyo myiyerekano, ubuyobozi bw’umugambwe buzoshikiriza ikete (Lettre ouverte) ryandikiwe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, iryo kete rikazoshikirizwa ubuserukizi bw’Uburundi mu Bubirigi.


IGIHE

Messages

  • Ngabo Barasubiye Gusara Mujeri Sinduhije Attention!

  • uwo #Sinduhijwe noguhora ngwanya inzego,yibona mwiki?? uwo munywa maraso n,ibiyayura mutwe!! Ninde azemera gutwarwa numuntu aja mumabarara uwo!!! Reka gusamaza ababiligi mwusivya amabarabara yabo,,, ngwino #Mugihugu Umanike amaboko nayahandi urapfa wangara!!!!
    uzoza ryari ko Nkurunziza tutamukurako ngodushireho mwebwe mwanjegera

  • none guhimbaza imyaka ibiri biyamiriza ikiringo canyakwibera kungoma ibihe vyose.bisigura iki.uwobiyamirije arikungoma.uyu mugabwe ntamigabo nimigambi bafise biraboneka.atarukugumuka gusa.ahubwo yobavuga ko aruguhimbaza imyaka2 nkurunziza abatsinze murugamba.arikungoma nabo barimwibarabara bagaburira inbwa zitunzwe nabazungu.ivyo barimwo ngonitsinzi.

  • Bazoba bahimbaza imyaka 2 batanguje ikiroberi. Bibagira ko indwano atari amarira izana ata kindi. Nico gituma intara yacu y’ibiyaga binini idatera imbere.
    N’urwanda nirwaba rwubakira ku bwoko bumwe ntaco ruzoshikako!

  • Ndabashigikiye tera imbere nkumuzinga!! Naje ngiye kubafashiriza kwiyamiriza intwaro y’icaduka yica igatongora, igafata abakobwa n’abakenyezi kunguvu yita abakeba ngo bavyare interahamwe, ikicisha abarundi inzara, igaturira amasoko, ikuzuza umwanda mu bisagara, igasahura itunga ry’igihugu, ikabomora amazu y’abanyagihugu!! Mbega intwaro mbiiii!!!

  • imuiyerekano izoberamu bubirigi ntaco izobafasha nibazeba yigiriremu birundi iryoketenaryo ntaworyakira niryogutukana turamuzi sinduhije nindero sikirenga

  • mwaraturiyr abantu mumapine basha mwagize nabi caaaane, mwaracafuje izina ryanyu. iyo ubiraba kuri youtube biteye agahinda cane

  • Ariko sinduhij urata umutwe.I Bujumbura vyarans.Mbe ubu biligi niho nkurunziza atwarira.Abana bacu watwaye mwibarabara bakabaha ibiyayura mutwe.Ngugomba gutwara uburundi.Nindoto basi

  • Ahubwo Murabwira Nabo Mwasizino Muburundi Babafashe Imigumuko Kuko Nibo Babibona Naho Mwebwe Ubu Muri Intarutse Mbenone Nagira Mwari Kwibuka Imyaka Ibiri Iheze Mumukuye Kubutegetsi? Nimureke Kwiha Amenyo Yabatwenzi. Reka Nibarize Wakere Mbe Namwe Muzoherahe Tuzobafate Mumugongo? Ariko Harico Mutaratubwira. None Kumukuru Wigihugu Duheruka Mwatubwiyeko Mwamukuye Mwahashize Uwuhe Ubu Ninde Atwara Uburundi? Mumpinyishu Muzoba Mukoze.

  • Ahubwo Murabwira Nabo Mwasizino Muburundi Babafashe Imigumuko Kuko Nibo Babibona Naho Mwebwe Ubu Muri Intarutse Mbenone Nagira Mwari Kwibuka Imyaka Ibiri Iheze Mumukuye Kubutegetsi? Nimureke Kwiha Amenyo Yabatwenzi. Reka Nibarize Wakere Mbe Namwe Muzoherahe Tuzobafate Mumugongo? Ariko Harico Mutaratubwira. None Kumukuru Wigihugu Duheruka Mwatubwiyeko Mwamukuye Mwahashize Uwuhe Ubu Ninde Atwara Uburundi? Mumpinyishu Muzoba Mukoze.

  • None iyomyiyerekano niyonyishu yibibazo bafise? Ahubwo jenibazako igikuru aribiganiro nawundi muti

  • None ubu birigi nibwo bwabatumye birya vyavuzwe? ko bagiye gushiraho umugwi ugwanya reta?

  • None ububirigi bwumvise abantu bigamba bavugako bashaka gushinga umurwi witerabwoba ntibugira nubwoba ati ababantu batubera mugihugu ntaburenganzira bafise bwokuvuga kobagiye gutanguza ubwicanyi!?
    Erega ibihugu vyabazungu ntibikigira abanirongora!?
    Jewe nciyeniyumvira nkababirigi bojangaha Bujumbura bakavugako bashaka gutanguza imirwiyokwica ababikigi bonezererwa?

  • Nimukomere kwi banga, natwebwe twasigaye hano muburundi, kuruwo musi turikumwe kumutima, murabizi hano koturi murisodomu, uburundi bwarikera butaratwarwa ni nanwamaraso.

  • Wewe Ntakihimbara, nanjebasha ndagucungisha ijisho uzokwihende nagatosha uzobona urwabagenzibawe baboneye Cibitoke, Kayanza, kumakambi yagisirikare Bujumbura, nahandi, baryabose abataribake baribasanzwe ngahanyene Burundi, nubwonabandi bataribake baribavuye rwanda biganjemwo abanyarwanda ariko urazi abanyarwanda kobabaye ngoyfe kugira twumveko Kagame abishuza ariko yaratinye kuvuga nubu iyaba arumuntu ababazwa nuko umunyarwanda apfuye abayarashizeho umusi wokubibuka nicibutso cabo.

  • Sinduhije Yarumugabo Kabisa . Ariko Aho AGomoreye Abantu Mwibarabara Bagaturira Abantu Abandi Bakaba Ibimuga Abavyeyi Bagaha hekiribuye , Abarundi Agatima Ko Kumwiyumvira Kaciye Ka Vunika . Ikindi , Uko Kwitwaza Ubwoko Twasanze, ATaco Aroshikako .!

  • Ahubwo snduhije yarakwiy kuzirikwa akabido ku magara niho yoja ku murongo ubu butwagwa numugabo wijunja ni jambo

  • komera mutama ruri nyumayawe.

  • Umuntarahimbaza Imyakamaze Atsinzwe? Urumogi.Com

  • Umuntarahimbaza Imyakamaze Atsinzwe? Urumogi.Com

  • mbe mawambwamwe shnduhije muramuzi?mwibagiye le11-12 -2015,ko mwaturatuye mukabura iyo muja -dutakure muzotubona mwambwamw zimbonerakure mwaraturatuje benshi arik muraje mubur aho muj muc a hepfo dufyonda muca ruguru hirya no hino dusya.tuzobagirira impuhwe tubarase kuk twebwe ntimeze nkamwe muri imihimbiri yimirizo murutwa ningurube.

  • Sinduhije Nisekibi Yarahomve Kuba Atamarasoyamenetse Naze Agire Imyiyerekano Muburundi Arahunahuna Nkintozo Yasizwnigihori Utikinda Turakuvumye????, Haaaa,yuuuu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.