Umugwi CENI utegura amatora wongewe ikiringo c’amezi 6

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 7 décembre 2017 saa 08:43
10770
0 0

Abagize umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI (Commission Electorale Nationale Independante) bongewe ikiringo c’amezi atandatu mu mabanga yabo n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/0238 ryo kuwa 5 kigarama 2017 rimenyesha ko abagize umugwi w’igihugu utanganya amatora CENI ko bongewe ikiringo c’amezi atandatu.

Abagize umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI basanzwe ari 5 umukuru w’uwo mugwi,icegera ciwe,komiseri ajejwe ivy’ubutunzi hamwe n’intwaro,komiseri ajejwe ivyo gukwirikirana amatora n’amategeko hamwe na Komiseri ajejwe kumenyesha amakuru n’inyigisho zo gukunda igihugu .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha