IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umugwi Diaspora Band uzofasha abanyeshuri guheza uburuhuko neza

Umugwi Diaspora Band uzofasha abanyeshuri guheza uburuhuko neza

mercredi 2 Myandagaro 2017

Umukuru w’umurwi Diaspora Band mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Butoyi Namuto batazira Afande Romeo yamenyesheje ko ico giteramo batunganije kizofasha abanyeshure kugira umwete n’ishaka mu bikorwa vy’umwaka mushasha w’ishure bimirije gutangura.

Afande Romeo yavuze kandi ko, ico giteramo kizotuma abanyeshure bamenya ko uburuhuko bahoramwo burangiye, ko bagiye kwitwararika cane ibijanye n’iterambere ryabo ku mashure.

Afande Romeo yavuze ati : "Ikintu cose gifise intango n’iherezo, abanyeshure bakwiye kumenya ko uburuhuko bahoramwo buheze bagiye gusubira ku bikorwa vyabo vyo ku mashure".

Muri ico giteramo, Afande Romeo avuga ko bazoboneraho akaryo ko kwumvisha abakunzi babo ururirimbo NIPAONE ruri muzizoba zigize urukwirikirane rw’indirimbo bimirije gusohora.

Igiteramo ca Diaspora Band kizobera kuri Club Down Town iri mu Bwiza kw’ibarabara ryitiriwe Avenue de l’Universite kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, kuva igihe c’isaha icumi kwinjira akaba ari ibihumbi 5.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.