IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi Best Friends of God ugiye gushira ahabona urukurikirane (...)

Umurwi Best Friends of God ugiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo

mercredi 21 Ruheshi 2017

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, umukuru w’umurwi Best Friends of God, NIMUBONA Jackson batazira Fiston, amenyesha ko urukurikirane rw’indirimbo ‘’Baho’’ rugizwe n’indirimbo 11 rwatanguye gutunganywa mu mwaka wa 2014, rukorwa n’umuhinyanyuzi Bochoum-Pro.

NIMUBONA Jackson amenyesha ko umutwe w’urukurikirane ’’Baho’’ uhuriza hamwe indirimbo zose uko ari 11, kuko ubutumwa bagomba gutanga muri urwo rukurikirane, ari ukubwira abantu bose ko bihana kugira babeho, kuko ubuzima buri mu gakiza.

Ku bijanye no kumenya ahava uburyo bakoresheje mu gutunganya urukurikirane, NIMUBONA Jackson avuga ko hari ababahaye intererano mu buryo, kandi nabo hari amasabukuru bitavye yatumye baronka uburyo bubafasha.

Umurwi Best Friends of God ugizwe n’abahungu batandatu NIMUBONA Jackson, NDAYIZEYE Yvan, Pasteur NIYONGABO Stanley, GASIGE Arnauld, UHURU Ladi Daniel na NIKIZA Emilien.

Mwomenya ko kwinjira muri ico giteramo ari ku buntu, ariko bigasabwa ko uwugiye aba afise ubutumire.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.