IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umuhuza w’abarundi Benjamin Mkapa yasubiye gutumira mu biganiro

Umuhuza w’abarundi Benjamin Mkapa yasubiye gutumira mu biganiro

mercredi 11 Nzero 2017

Umuhuza mu matati y’Abarundi Benjamin Mkapa yatanze ubutumire bwo kwitaba igice co guhanahana ivyiyumviro,ku biganiro bihuza abarundi.

Nk’uko biri kuri ubwo butumire, ico kiringo co guhanahana ivyiyumviro kizotangura ku ndwi izotangura kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2017. Abakurikiranira hafi ibijanye n’ibiganiro mu Burundi bavuga ko ubutumire bwanditswe kera, ariko ntibumvikana kw’igenekerezo.

Abakurikiranira hafi ibijanye n’ibiganiro mu Burundi bavuga ko ibintu vyafashe iyindi ntumbero,kuva umuhuza Benjamin Mkapa agize urugendo mu Burundi, amajambo yashikirije asubiye inyuma akaba atanezereje bamwe mu banyaporitike harimwo abagize urunani CNARED.

Ibiro vy’umuhuza ntivyavuze abahawe ubutumire bose, ariko ivyo biro bihamagarira abaronse ubutumire bose kubwitaba, naho hari abanyaporitike bamaze gushikiriza ko batazokwigera bitaba ibiganiro bahagarariwe na Benjamin Mkapa.

Abagize CNARED babandanya ariko gusaba isubirizwa rya Benjamin MKAPA


IGIHE

Messages

  • Njewe Ndashimiye Umuhuza Wabaruni Mkapa Benjame

  • Njewe Ndashimiye Umuhuza Wabaruni Mkapa Benjame

  • Banyarutse ivyo biganiro àtarama habitant àma

  • Nyakubahwa Mukapa nagume kw’ivora adutunganirize ibiganiro vyiza atarivyo amagaburanyama

  • Ese Frodebu genda urazi kubona agahiye. Umuhuza ntave ngaho atabahaye ibibanza muri Reta. Uzi igihe mumaze mushomereye. Ark muze mwame mushimira NTIBANTUNGANYA kk niwe yafashije gukora akantu kubwenge, bukeye kabiri Umuvugizi wa NKURUNZIZA ( Jacques Bigirimana) aca avuga kuri BBC ko cnared buca isambuka. Tukaba dukeje Leonce na Bamvuginyumvira kubibanza bishasha bagiye kuronka muri Reta nokugira akayabagu kenshi naho bakamana. Aba porona nabo bo kwa Nditije batanguye kumiramitwa namwe nimwegere naho batobatumira kk mugasamara ntimumbaze. Ashiiiiiiiiiiiiiiii turizeye kandi ko ibiganiro hagati ya NKURUNZIZA, jacques Bigirimana na conciliya bizagenda neza umuhuza abidufashijemwo .Gira amahoro

  • KAZIBIRE MWA TUGABO MWE KUNDA MUFUKAMIRE NYENE ICUBAHIRO H.E PITA NKURUNZIZA MWEBWE NAMA NAVUZE KO MUTAGIRA ICO MUSHOBOYE GERAGEZE MWUMVE KUKO MUKAPA YARAVUZE NEZA JIJUKE AMAGABURANYAMA HARI MWA TWAMAMWE!http://:,

  • mkapa terimbere abakwanka ngo bipfuza ko ka game yoba umuhuza wabo bamaramare .

  • ewe nyabenda uratwenza. mbega ako gahemo nakiki? ko mukugumumura mwerekana intoki zibiri bisigura MSD ubu ikaba yinumiye none frodebu muyihiga kwiki? ngo lobying.... iyo bwari kuba ubwumwe bwari ikindi. cnared ititavye izoba irigumira muri association mu bubiligi yegeranye ama fond binywere imivinyu impunzi zahenzwe nazo zitemeye gutahuka kwashi ibirenze. none umuntu atabona ukuri ninde ? abo mwahenze baratanguye kubahinyura. asbl belge? ishaka gutwara? wait end see!

  • NIBAKUNDE BEMERE KUKO ARI ABANDI BOSABA IKIGONGWE ABENE GIHUGU .KUKO BABAKENGEREYE .BO BITOREYE UMUKURU W IGIHUGU.IKIGERETSEKO BAKOZE COUP D ETAT BAFISE INTEGURO YOKUGANDAGURA BENSHI MUMBONERAKUR N ABANDI ARINAHO BAVUGA KO MUBURUNDI HASHOBORA KUBA GENOCIDE.ABARUNDI NTAWOYEMERA KO IVYO ABENE GIHUGU BAKOZE MUKWITORERA INDONGOZI VYOHINDURWA NGO NIBIGANIRO VYO GUTANGA CANK GUHABWA UBUTEGETSI BUDACIY MUMATORA.KWOBA AR UGUSUBIZ INYUMA DEMOCRATIE.

  • Jewe umunye poritike yo kwitaba umutumiro uhamagajwe na MKAPA Benjamin, sinzoshobora kumutahura uwariwe, kuko ntamuntu yogutuka kwatabwenge ugira hanyuma ngo yongere kubumuhuza!. gutukana twabiziga mubungere binka, hamwe bokwitaba uwomutumiro ivyo yavuze, kwatabwenge bagira, bizobarivyo bidaseswa, abavuga kohakenewe uwundi muhuza ndabemera 100% abazokwitaba uwo mutumiro bazoba 0% kuko nitwa komfisubwenge ntiwontuka kurya ngusubire kumpagarara imbere ngurafise ivyubwira, haiwezikani nagakengere katagirizina.

  • reka mukapa twaramutahuye ni ikiryabarezi nka NKURUMBI.

  • @Nzoyihera mujeri. Mureke guserereza mukapa ahubwo nimukenyere murye impengeri zi Mahama nizo zibakwiriye mwa mujeri mwe !!! Muzopfa mwangara.

  • ivyobiganirontacobizovamwo

  • Mercenaire de nkurunziza

  • Ewe sha wiyita INYANGE iryozina ryinyange ntanyukwiye niryo wiyomekerako! inyange irera, nayo wewe wuzuye kwibitenga vyinzirakarengane!?, nayimpengeri uvuga zironka umugabo, ahubwo niwirire wewe nabawe, nayo jewe uwiteka yampezagiye nkiri munda ya mama, kubisigaye nifuza, nuko nobona kwatamuntu yoba acicwa ahorwa ubwoko bwiwe, canke intara avukomwo. Nayivyo wasonye ntubinezererwe, erega ntavyokunezera vyose, hamwe nokwandika ibikunezera vyose, noba mfatanije nawe mumugambi mubi ugayitse, Wihanganeeeeeeeeeee.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.