Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha guhagarika ihamwa rikorerwa abatavuga rumwe na Reta

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 décembre 2017 saa 04:28
Yasomwe :
0 0

Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi asaba ibiro vy’umuhuza hamwe n’umuhuza mu biganiro bihuza abarundi William Benjamin Mkapa, gukoresha ubukerebutsi n’ubutwari mu gusaba Reta y’Uburundi guhagarika bidatevye kandi ata gisabwe ihamwa ririko rimukorwako, kumwe n’abandi batavuga rumwe nayo.

Mw’ikete umushingamateka Agathon RWASA arongoye w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yandikiye umuhuza Benjamin Mkapa kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2017, umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko nk’uko bari babibwiye ibiro vy’umuhuza, ihamwa ryatanguye ku murwi w’imigambwe n’abanyeporitike batavuga rumwe na Reta kuva ibiganiro vyabereye i Arusha bigitangura, biza kwunyuka naho bari bamaze gushika mu gihugu.

Muri iryo kete, umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko ihamwa rya mbere rishingiye ku mvugo y’iterabwoba no gusuzugura ishikirizwa yerekeza ku mushingamateka RWASA Agathon hamwe n’abanyeporitike berekanye ko badasangiye ivyiyumviro n’umugambwe CNDD-FDD, mu biganiro vyabereye i Arusha, kuva kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo gushika kurya 9 Kigarama 2017.

Umushingamateka RWASA Agathon amenyesha kandi ko kutihanganiranira muri poritike hamwe n’iterabwoba rikorerwa abatavuga rumwe na Reta, bituma haba ihagarikwa n’ipfungwa ry’abatavuga rumwe na Reta, mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Muri iryo kete umushingamateka Agathon RWASA avuga ko irindi hamwa ririko rikorerwa abatavuga rumwe na Reta, rishingiye ku buryo bariko bashirwa mu bihe aho bagira amakenga ku mutekano wabo, uhereye ku mushingamateka RWASA Agathon wenyene.

Umushingamateka RWASA Agathon arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko afise impungenge ku mutekano wiwe, inyuma yaho abasirikare bamucungerera ubuzima bahinduriwe aho bakorera , kandi atabajijwe canke ngo amenyeshwe igituma batwawe.

Umushingamateka RWASA Agathon,arangiza asaba umuhuza gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira impande zegwa n’ikibazo c’Uburundi ziganire kuvyo zidahurizako, gutyo bashike ku mwumvikano.


Kumenyekanisha

1
TUYISHEMEZE 8-01-2018 à 14:30

nivy abanyabujumbura nibabasigure arko kuber k abant badatahukirwa ningoga jew nosaba k atawe bosubira gufunga ngo nuko avuze k azotora oya.ahubwo nagra ng n uburenganzira bwiwe ataruko naho bica nanj bincanga

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha