IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’igihugu aragabisha aboburagiza igikorwa co gusigura ibwirizwa (...)

Umukuru w’igihugu aragabisha aboburagiza igikorwa co gusigura ibwirizwa nshingiro rishasha

mercredi 13 décembre 2017

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, igihe yariko yugurura icese isekeza ryo gusigurira abanyagihugu integuro y’Ibwirizwa Shingiro rishasha rigiye kugenga Uburundi, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko muri rusangi, ibikenewe guhinduka ari ingingo zifise utunenge, ariko izitunganye zitazokomwakomwa.

Mu gihe abarongoye abandi kuva ku rwego rwo hasi ari intumwa z’umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA aramutswa igihugu c’Uburundi yavuze ko abarongoye abandi bazokwigira ba sindabibazwa muri uwo mugambi bazobibazwa n’ababakurira.

Umukuru w’igihugu yavuze ko ingingo zitazohinyanyurwa ari nk’izigize inkingi y’intwaro rusangi, amahoro n’umutekano, ugukingira abatavuga rumwe na Reta, uburenganzira n’inyungu z’inkehwa, ubwigenge ibisata bimwe bimwe bishingiyeko, no gukomeza ububasha inzego z’igihugu zihabwa n’ibwirizwa shingiro.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu yasavye abarongoye abandi ko mu gihe co gusigura ibizohindurwa mw’ibwirizwa nshingiro, borangwa n’ubutwari, bagashengeza abangushi bakwiza ibihuha mu gihugu n’abandi bose barangwa n’igihushane c’ubumwe n’intwaro rusangi.

Umukuru w’igihugu yasavye kandi abamenyeshamakuru guterera uwo mugambi bisunga akarangamutima k’umwuga wo kumenyesha amakuru, mu kwirinda guhengamika inkuru, mu gukwiragiza ibihuha canke mu kutagumya ibanga iyo bikenewe.

Petero NKURUNZIZA yasavye ko ikirangaminsi cotegurwa

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasabwe ko bwotegura ikirangaminsi kivuga ingene abanyagihugu bazosigurirwa iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro rishasha.

"Dusavye ko mu bushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu n’Inyigisho zo gukunda Igihugu, botunganya mu maguru masha ikirangamisii co gusigurira Abenegihugu ibishasha biri muri iyi nteguro kuva mu ntara gushika ku mitumba, na burya bihuriranye n’uko turiko turitegurira amatora yo mu mwaka w’2020."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aragabisha abobera intambamyi uwo mugambi akababwira ko uwo ari umurongo utukura ntarengwa.

"Tuboneyeho akaryo ko kugabisha abantu bose bohirahira ngo baburagize uyo mugambi, haba mu mvugo canke mu ngiro. Nico gituma dusavye dushimitse abarongoye abandi mu nzego zose z’igihugu cacu ko borangwa n’ubumwe hamwe n’ubutwari, bagashengeza abangushi bakwiza ibihuha mu gihugu n’abandi bose barangwa n’igihushane c’ubumwe n’intwaro ya demokarasi."

Isekeza ryo gusigurira abanyagihugu integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha rigiye kugenga Uburundi, catanguriye muri komine Bugendana, intara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.