Umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe mu mabanga yo kuwurongora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 November 2017 saa 01:44
18465
0 0

Umukuru w’umugambwe APDR Gabriel BANZAWITONDE yahagaritswe mu mabanga yo kurongora uwo mugambwe. Bamwe mubo bahorana mu mugambwe bamwagiriza kuba yahinduye ikimenyetso kiranga umugambwe.

Umunyamabanga w’umugambwe APDR yagiriza uwo yahora arongoye umugambwe APDR ko yahinduye ibiranga umugambwe, ibituma umugambwe uhinduka kuko ibiwuranga navyo vyahindutse.

Gabriel BANZAWITONDE yahora arongoye umugambwe APDR yagirizwa kandi ko mu mvugo ziwe ashibkiriza ashira imbere intwaro mfatakibanza, ivyo navyo bikaba bidahurizwako n’abanyamugambwe, kuko umunyamabanga avuga ko ubutegetsi bushingiye ku ntwaro rusangi ata handi buva atari mu matora.

Umunyamabnga w’umugambwe APDR avuga ko umugambwe uca uba urarongowe n’icegera c’umukuru w’umugambwe, mu kurindira ko hatunganywa ikoraniro risanzwe rizosubiriza umukuru w’umugambwe.

Ku ruhande rwiwe, Gabriel BANZAWITONDE yakuwe mu mabanga yo kurondera umugambwe tumuhamagaye kuri terefone ngendanwa yiwe, yatubwiye ko ari mu nama, ariko ko nawe ayo makuru yayumvise ku nsamirizi bisanzwe.


Kumenyekanisha

1
nsengiyumva elie 27-01-2018 à 11:29

iherezo ryabibesheye ngo bakuye umukuru wumugabwe apdr ubu kwl ntibicuza

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha