IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA yarekuwe

Umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA yarekuwe

mardi 4 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Gervais NIYONGABO, umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA utavuga rumwe n’ubutegetsi, ukaba uri mu runani CNARED yarekuwe. Yari amaze iminsi itanu apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura.

Yari yafatiwe i Makamba, mu gihe yari mu bikorwa vy’akazi kiwe.

JPEG - 6.4 ko
Gervais NIYONGABO, umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA

Agifatwa, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, yamenyesheje ko uwo munyeporitike yagirizwa gukorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho, hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.

N’umurwizatunga Gédéon GIHAGA w’imyaka 74 yahora apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2016 yarekuwe. Yahora yagirizwa ivyaha bibiri, nk’uko vyari vyashikirijwe nyene n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, ko umurwizatunga yagirizwa ugutanga igiturire hamwe n’ukugerageza kwica umuntu (Corruption et tentative d’assassinat).


IGIHE

Messages

  • Mbega Nkurukiye nibaza uwakugize UMUVUGIZI Wa police ubushobozi yabonye ufise sha ivyo ushikiriza vyose urabesha kandi bigira ingaruka ku mutekano ariko reta ya DD tamategeko bagenderako kumva ku barogonzi bu butungane kugeza ku mutekane Bose bakorera umugabwe ni nyungu zabo igihungu kitagendera kumategeko kibamo ubwicanyi nu kunyereza umutungo

  • Nukuga Mugihe Yoba Yarakoze Amabi Nkayo Yohanwa Hisunze Amategeko Kuko Ukudahanimbwa Bigwiza Imisega Twebwe Abantu Nkabenabo Bagomba Kudusamburirako Ntabo Dushaka Ahubwo Nabandi Bari Murivyo Nibafatwe Bahanwe Gose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.