IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA apfungiwe mw’igendereza

Umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA apfungiwe mw’igendereza

jeudi 29 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Gervais NIYONGABO, umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA utavuga rumwe n’ubutegetsi, akaba ari mu rwego nyobozi rw’urunani CNARED apfungiwe mw’igendereza i Bujumbura. Yafatiwe i Makamba, mu gihe yari mu bikorwa vy’akazi kiwe.

JPEG - 6.4 ko
Gervais NIYONGABO, umukuru w’umugambwe FEDEES SANGIRA

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza iryo fatwa ry’uwo munyeporitike, akamenyesha apfunzwe yagirizwa gukorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho, hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Ariko nkuyo,yaba ari muri CNARED akaba agikoriki hano muraba bamenja,nukuri niwe yishoye ariko Imana imufashe ntibatubwire ko nawene yiyahuye

  • uyo mushingantahe afungiwe ubusa,nawe uyo muvugizi wigiporisi ivyo avuga nukubesha nakare muri reta yankuru utabeshe akazi kacha gahera.vyose bariko barakora nibamenye ko amakungu amaze kubamenya inyishu niyesu.

  • Ni nkiyo migambwe yo mu masakoshi! None nkuyo aja mu gutera akajagari ngo ahanobe iki? Ko ntari bwigera numva uwo mugambwe uvugwa ku rubuga rwa politike. Aho ntiboba baja kurima canke gucuruza aho kwirigwa batesha umutwe abantu. Kuva uwo mugambwe wemerwa, ni hehe wagize na meeting ngo tuwumenye?

  • Ntamahirwe afise pee.Rindira bamunige hanyuma Nkurikiye acaza kutubwira ko yiyahuye

  • Mu kirundi barayamaze bati:" uwurukarishe ruramumwa",
    Mbega abo banyapolitike ntibabona ko ivyari magera vyageruye hanyuma bagatekereza bakoya guhenda abanyigihugu baja kwicirwa ubusa.
    Nibareke kuba bishora mu ngorane.

  • Murarabe Neza,mugihe Bazovuga Abapfuye Mu Burundi ,ntibazovuga Ubwoko,umugambwe Canke Intara Bavamwo.ABazovyumva Batari Bwabeho Baterivyatsi Ababibonye.Ababikoze Nabo Bazokwamanintuntu.

  • nicogituma ubwicanyi mu Burundi butazokeigera buhera. Niryari aho imurundi azokwishira akizana? Nicogituma abenshi turiko turasazira mu buhungiro.

  • Nimureke abategetsi bahano muburundi, baribakwiye kurondererwa aba DR karuhariwe babapima bakaraba kabisa kobakwije mumitwe, mbega uwutabashigikiye mubwicanyi bwabo, ababaye uwitwaje ibirwanisho,canke uwubashigikiye? mbega bamufatanye inkoho zingahe munzuyiwe? canke munziwe bahafatiye abarwanyi bangahe?.Burya igihugu yo kirongowe nabacanganikiwe mumutwe, ntaho abarimurico bazigera babaho amahoro. nimba zobankiri mumubiri muzomfashe kuraba ibizokurikira izontagondwa amazosi,ariko siku yipo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.