Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’umugambwe RADEBU yatorewe kurongora umugambwe iyindi myaka (...)
Umukuru w’umugambwe RADEBU yatorewe kurongora umugambwe iyindi myaka itandatu
lundi 7 mai 2018
Abandi batowe kugira babe muri komite irongora umugambwe RADEBU, ni Deus NAHISHAKIYE yatowe kuba icegera c’umukuru w’umugambwe, na Emmanuel MIBURO yatowe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe.
Emmanuel MIBURO yavuze ko inyuma y’ikoraniro kaminuza, abanywanyi bamaze gusigurirwa neza ibiro mu mpinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro ryahahora, abanywanyi b’umugambwe bose bemeje gutora EGO, mu matora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe RADEBU yasiguye ko ibwirizwa nshingiro rishasha rizokomeza umubano mwiza hagati y’abarundi, rizoha inguvu ubwigenge n’intwaro rusangi, rizotuma amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro bidacanamwo, kandi umukuru w’igihugu azoba afise inkingi zikomeye.
MUGISHA Van Naris