IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umumenyeshamakuru w’iradiyo RPA yagiriwe iterabwoba

Umumenyeshamakuru w’iradiyo RPA yagiriwe iterabwoba

lundi 19 Munyonyo 2012

Umumenyeshamakuru akorera iradiyo RPA muntara ya Gitega abona ko umutekano wiwe ubangamiwe. Ku munsi wa gatandatu mugatondo yavyutse asanga kumuryango w’inzu iwe hasize amaraso, yikeka ko ababikoze ari abantu bashaka kumutera ubwoba mu kazi k’iwe. Asaba igipolisi kumukingira.

Gerad Nibigira akorera iradiyo RPA muntara ya Gitega avuga ko asigaye arara ntibuca. " Narimvyutse mugatondo ngira nje kukazi kanje ko kurondera amakuru, nuguruye umwango ncambona amaraso asize kunzu no ku muryango w’inzu ".

Uyo mumenyeshamakuru yikekako ari iterabwoba ariko aragirirwa kubera akzi k’iwe. " Jewe nibaza ko ari iterabwoba ndiko ndagirirwa n’ abantu badashima inkuru ntanga kw’iradiyo yanje RPA ". Avuga ko yabibwiye abajejwe umutekano cokimwe n’abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega, abo nabo ngo baramwemereye ko bagiye kumucungerera umutekano bikwiye.

Gerard Nibigira yamenyesheje kandi ko atari irya mbere agirirwa iterabwoba n’abantu atazi. Nta mwaka waribwahere, ngo hari umugwi w’abantu wamubwiye ko umwanya uwariwo wose ashobora kugirirwa nabi kubera inkuru atanga.

Ubuyobozi bw’iradiyo RPA buremeza ko inkuru zose zitangwa n’uwo mumenyeshamakuru atamahinyu zifise kandi ko ziba zasuzumwe neza, ubwo buyobzi bugatangazwa n’ingene yoba ariko araburabuzwa mu kazi k’iwe.

Ishirahamwe riharanira inyungu z’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ riranegura iyo ngendo yo gutera ubwoba abakora umwuga wo kumenyeshamakuru. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ avuga ati " Gusanga amaraso yuzuye ku nzu no ku mwango bisigura ko ababikoze bashaka kumwereka ko nawe nyene ashobora kwicwa amaraso yiwe agaseseka".

Alexandre Niyungeko atera akamo abajewe umutekano mu ntara ya Gitega gukora amatohoza yihuta kugira ngo izo nkozi z’ikibi zifatwe zishirwe imbere y’utungane. Asaba kandi abamenyeshamakuru kutadohoka kw’ibanga ryabo hamwe no kudacika intege, ahubwo babandanye akazi k’abo ko kurondera no gushikiriza inkuru.

N’ayo urwego rujejwe gucungera akaranga mutima k’abamenyeshamakuru OPB ruhamagarira abamenyeshamakuru gukora akazi k’abo bisunze amategeko agenga umwuga, gutyo ngo abashaka kubatera ubwoba ntibazoronka aho bafatira.
Innocent Muhozi atwara OPB yibutsa ko umumenyeshamakuru ari ijisho ry’abanyagihugu hamwe na reta, ngo ntacotuma arabwa nabi n’umuntu uwariwe wese.


Pierre claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.