Umurwi CENI umenyesha ko habaye ukwihenda mu guteranya ibitigiri vy’abazokwitaba amatora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 20 février 2018 saa 11:57
Yasomwe :
0 0

Umurwi wigenga utegura amatora CENI, umenyesha ko mu biharuro watangaje kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018,vy’abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro n’ayo muri 2020, habaye ukwihenda mu guteranya ibiharuro.

Mw’itangazo ryo gukosora ryateweko umukono na Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2018, amenyesha ko abitavye mu gihugu hagati bashika kuri 4.987.871, mu gihe abitavye bose hamwe harimwo n’abari hanze y’igihugu ari 5.000.742.
Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha ko abarundi baba mu mahanga biyandikishije bose hamwe ari 7284, hakiyongerako abari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Centrafrika bashika 782, hamwe n’abari mu gihugu ca Somaliya 4805.

Umukuru w’umurwi CENI avuga ko mu barundi 5.000.742 biyandikishije ngo bazkwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro n’ayo muri 2020, abagabo ari 2.382.388 hamwe n’abakenyezi 2.618.354.

Kur’uyu wa mbere,umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora ,Pierre Claver NDAYICARIYE mu kiganiro ku bamenyeshamakuru yari yamenyesheje ko abiyandikishije mu gihugu hagati bose bangana 4.987.871, mu gihe abari bategekanijwe kwandikwa bangana 4.452.679 .


Kumenyekanisha

1
Mukubano 22-02-2018 à 21:38

Mu Burundi abantu bandikisha abavutse ariko abapfa ntibabafutisha !Nibazako iyo Prédiction ya Ndayicariye iri erronée ! Recensement ya 2008 iragoye gukorerako.Ubusuma buzobaho !

2
Rwenya 21-02-2018 à 16:33

Mbega none ntimuzi ko hari abapfa n’abavuka ? hakaba abahunga n’abahunguka ? so is life my dear !
wait and see !!!!

3
N’amahinyu 21-02-2018 à 12:21

Mukubano, uvuze ngo abapfa ntibazwi ? Erega n’abaruka ntibazwi. Urumva ko bica biryana !
Nayo impunzi zo abazikamisha bo barazizi neza !

4
Mukubano 20-02-2018 à 21:24

Atanguye kwihenda guteranya kare !
Mbega ivyo bitigiri vy abitezwe mubikura hé ko rusansuma iheruka yabaye 2000 abapfa bakaba batazwi, ikitavuzweco ni igitigiri c impunzi !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha