IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI urizeza ubushobozi bw’ishirahamwe rifasha kwandika abazokwitaba (...)

Umurwi CENI urizeza ubushobozi bw’ishirahamwe rifasha kwandika abazokwitaba amatora

mardi 27 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2018, Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI, yavuze ko Uburundi nabwo bufise abashoboye ibikorwa vy’ubuhinga, yisunze ko mu mwaka wa 2010 n’uwa 2015, abakoreshejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD mu gikorwa co kwandika abazokwitaba amatora bari abarundi, gushika ku rugero rwa 95 kw’ijana.

Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora, avuga ko ubuhinga bwose buriko burakoreshwa mu kwandika abazokwitaba amatora mu mashini nyabwonko,bwatunganijwe n’abarundi, ari naco gituma Uburundi bwoshima ko bufise abahinga bashoboye.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora mu mashini nyabwonko gitegekanijwe ko kizokorwa mu minsi 20. Gushika ku mutaga wo kur’uyu wa mbere, abazokwitaba amatora mu ntara ya Bubanza akaba aribo bari bamaze kwandikwa mu mashini nyabwonko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.