Umurwi CENI wagenye abagize imirwi itegura amatora mu gisagara n’intara ya Bujumbura

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 décembre 2017 saa 09:54
Yasomwe : 13410
0 0

Umurwi utegura amatora CENI washize ahabona abagize imirwi itegura amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rigiye kugenga Uburundi CEPI ,mu gisagara ca Bujumbura n’intara ya Bujumbura Rural.

Igikorwa co gushira ku mugaragaro cabaye inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 22 Kigarama 2017, gikorwa n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE.

Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko mu gisagara ca Bujumbura abagize umurwi CEPI ari batanu, mu gihe mu ntara ya Bujumbura Rural ari 11.

Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze kandi ko umurwi utegura amatora mu ntara CEPI ugizwe n’umuntu umwe aserukira ikomine, hakiyongereko abantu babiri harimwo umukuru wa w’ibiro vy’umurwi CEPI.

Ku bijanye n’ingene ibikorwa vyo gutegura amatora biriko biragenda, Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko bamaze kuvugana n’abazotanga ibikoresho vyo kwandikamwo abazokwitaba amatora, mbere n’igikorwa co guhiganirwa amasoko kikaba caratanguye.

Mu kiganiro yagiranye n’abanyamigambwe bari kumwe n’abanyeporitike kw’igenekerezo rya 15 Kigarama 2017, Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko bitegekanijwe ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro azoba mu kwezi kwa gatanu 2018, mu gihe ata cohinduka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha