IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CENI washize ahabona imisni yo gutora ikarata iranga (...)

Umurwi CENI washize ahabona imisni yo gutora ikarata iranga uwutora

samedi 5 mai 2018

Nkuko biri mw’itangazo ry’umurwi CENI ryo kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018, ryateweko umukono n’umukuru w’uwo murwi Pierre Claver NDAYICARIYE, ico gikorwa kizoba kuva isaha imwe n’igice mu gatondo, gushika isaha icumi n’imwe n’igice ku mugoroba.

Iryo tangazo, rimenyesha ko ico gikorwa kizokorwa n’abajejwe gutanga ayo makarata, bahagarikiwe n’abakozi b’imirwi itegura amatora mu makomine CECI, kandi kikagenzurwa n’abakozi b’umurwi utegura amatora mu ntara CEPI.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.