IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi CNDI washikirje icegeranyo ca nyuma

Umurwi CNDI washikirje icegeranyo ca nyuma

vendredi 12 Rusama 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo murwi , riterwako umukono na Musenyeri Justin NZOYISABA kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 12 Rusama umwaka wa 2017, abarundi benshi babajijwe bavuze ko bikenewe ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi rihinyanyurwa, kugira rijane n’ibihe Uburundi burimwo.

Muri iryo tangazo, umurwi CNDI umenyesha ko ico cegeranyo canditswe mu gitabo c’impapuro 86 zirimwo ivyiyumviro vy’abanyagihugu 26000 bafashe ijambo,uruhande runini rwasavye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu bitogira aho bigarukira, naho nyene hari abandi bavuze ko gushinga ibiringo vy’umukuru w’igihugu bifasha gutsimbataza intwaro rusangi.

Umurwi CNDI umenyesha ko ibindi vyiyumviro vyashikirijwe n’ababajijwe ari ibijanye n’uguteza imbere ingene abarundi babayeho, biciye mu kurwanya ubukene , kurwiza akazi , kuk iyo ivyo bitahari bituma ata mutekano uba mu gihugu.

Mu kurangiza ,umurwi ujejwe ibiganiro bihuza abarundi CNDI umenyesha ko wizeye ko ico cegeranyo kirimwo amakuru yose akenewe, kandi ko ibirimwo ari ivyavuye mu banyagihugu baserukira imice itandukanye bonyene ubwabo.

Messages

  • Ayo n’amanyanga,ico bakoze bagomvyeg guc’inoti bemerewe,naho ivyo kuvuga ngo babajije abanyagihugu n ububeshi. Gusa ububeshi bwabo nibwakwirikizwa bitebw bitebuke buzosuk’igihugu mu kaga!!

  • Abashikirije kwikiringo cumukuru wi gihugu, cogira ahokigarukira, abonabashingantahe bijunja.
    Ariko abavuga yuko umukuru wi gihugu atokwigera avakubutegetsi! abo ndabatahura cane kuba bavuga uko, abonibamwe bitwa bampema ituzura, ikindi ni nkukuronderera ahokwinyegeza inkozi zibibi, kuko nivyo twagiye turabona kuba kurubibihugu batashimye kuva kubutegetsi niko nubukozi bwibibi bwarwiriye murabobategetsi muguhohotera abenigihugu.

  • Mbega Akaga Ntibahirahr Bakork

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.