Home > Amakuru > Umurwi ONPGH washikirije aho uhagaze ku cegeranyo c’umurwi ujejwe amatohoza (...)
Umurwi ONPGH washikirije aho uhagaze ku cegeranyo c’umurwi ujejwe amatohoza mu Burundi
Tuesday 11 September 2018, by
Mu kiganiro umukuru w’uwo murwi ujejwe gukinga ihonyabwoko yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 11 Nyakanga umwaka wa 2018,Jean De Dieu MUTABAZI amenyeshako abeshuje ico cegeranyo gitunga urutoke inzego z’igihugu kuko bama bakwirikirana amajambo ashikirizwa haba ku misi mikuru canke mu bikorane vyama vyatunganijwe.
Jean De Dieu MUTABAZI avuga ko kubera ibinyoma biri murico cegeranyo baciyamirije bimwe biboneka kuko gifise intumbero yo gucafuza gusa.
Uyo arongoye umurwi w’igihugu ujejwe kugwanya ihonyabwoko,ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ayandi mabi avuga kandi ko ico cegeranyo cashikirijwe n’uwitwa Doudou Diene ari ikinyoma kandi intumbero yaco ari ya poritike.
Jean De Dieu MUTABAZI avuga ko ubuhinga bwakoreshejwe n’uyo murwi babwiyamirije kuko vyagaragaye ko babajije abantu bishakiye kandi ababajijwe badashobora guserukira abarundi bose.
Jean De Dieu MUTABAZI asaba uyo murwi gushikiriza urutonde rw’abasinzikaye bivuye ku gufatwa nabi hamwe n’abagirizwa gusinzikariza abantu ubuzima kugira amatohoza akorwe abagirwa baje imbere y’ubutungane.
Uyo arongoye ONPGH avuga ko mu gihe ayo mazina atotangwa bazobandanya basaba kugira ntihagire urwego na rumwe rw’ubutungane rushobora gukorera kurico cegeranyo.
Jean De Dieu MUTABAZI avuga uyo murwi udatanzwe amajwi,amashusho canke ibindi nk’ivyemeza vy’ico cegeranyo bazobandanya bagifata nk’icegeranyo gifise iyindi ntumbero.
Vianney BIKORIMANA
Forum posts
12 September 2018, 16:54, by My bad
Nyakubahwa Mutabazi,
Uribuka nyakubahwa avuga ko uwuzokwitambika imbere y igindurwa ry ibwiruzwa nahingiro uwo umusezeye bazohurira mw ‘ijuru .Kandi urazi ko uwitwa Bizimana yaciye yicirwa muri prison.abantu bama bafungwa abandi batorwzwa ngo bigishije gutora oya canke batoye oya bangana iki.Je narinzi ko muvuga ivyo mwemanga.
13 September 2018, 18:22, by z.N
ahubwo abo bazungu bagihendwa n’akarwi ka barundi bamwe bamwe,nukubiyamiriza twebwe abarundi kuko nitwebwe tuciyubakiye kandi nibaturinyuma mutama wacu kuko tumuri inyuma.ntakugugumwa barundi benewacu!
19 September 2018, 23:57, by alsabna
"Uyo arongoye ONPGH avuga ko mu gihe ayo mazina atotangwa bazobandanya basaba kugira ntihagire urwego na rumwe rw’ubutungane rushobora gukorera kurico cegeranyo"
Amazina yaratanzwe muri CPI. Ayandi nayon ni bahere kuri barya ba FNL, ba Bigirimana (Iwacu), n’abandi amajana, n’amajana.