IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi w’igihugu CNIDH usaba ko ivyaha vyakozwe kuva mu 2015 vyohanwa na (...)

Umurwi w’igihugu CNIDH usaba ko ivyaha vyakozwe kuva mu 2015 vyohanwa na Sentare zo mu Burundi

vendredi 28 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, umukuru wa CNIDH Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko Uburundi bwikuye muri Sentare mpuzamkungu mpanavyaha y’i La Haye kubera iyo Sentare yashaka gutanguza amatohoza ku vyaha vyakozwe kuva mu mwaka wa 2015, kandi kubw’umukuru wa CNIDH ivyo vyaha vyakozwe muri ico gihe bitarengeye sentare zo mu Burundi.

Muri ico kiganiro, Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko umutekano n’agateka ka zina muntu vyiyongereye mu gihugu cose muri kino gihe, ivyatumye n’impunzi zimwe zimwe zitahuka. Muri uwo murwi bavuga ariko badashimishwa n’ibikorwa vyo guhungabanya umutekano vyibonekeje mu kwezi kwa Mukakaro, bigizwe n’ugutera amagerenade mu Kayanza, mu Kirundo no mu Bwiza.

Umukuru wa CNIDH, Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko muri uwo murwi batiyamiriza ivyegeranyo bitangwa, ariko ko bimwe mu biba biri muri ivyo vyegeranyo ari ibinyoma.

“Ntitwiyamiriza ivyegeranyo bitangwa, ariko murivyo harimwo ibinyoma usanga vyashikirijwe, bituma igihugu cacu gifatirwa ibihano.”

JPEG - 31.4 ko
Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi w’igihugu CNIDH

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.