Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi w’igihugu ujejwe kwihweza ivyohinduka mw’ibwirizwa nshingiro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umurwi w’igihugu ujejwe kwihweza ivyohinduka mw’ibwirizwa nshingiro (...)

Umurwi w’igihugu ujejwe kwihweza ivyohinduka mw’ibwirizwa nshingiro washizweho

samedi 13 Rusama 2017

Nk’uko biri muri iryo tegeko No 100/89 ryo kuwa 12 Rusama,umwaka wa 2017, abantu 15 bagizwe n’abagabo 14 n’umukenyezi umwe bava mu mirwi itandukanye nibo bagize uwo murwi.

Umukuru w’umurwi ni NGENDAKURIYO Pascal, icegera ciwe ni RUBERINTWARI Deo, hamwe n’umushingwamanza AMANI Jean Pierre yagenywe kuba umunyamabanga w’umurwi.

Abandi bagize umurwi ni NTIBAZONKIZA Salvator, SINABWITEYE Joseph, MANIRAKIZA Alexis, RUZOVIYO Guillaume, BACANAMWO Anatole, NSHIMIYIMANA Deogratias, NAHAYO Jacques, NJANGWA Gilbert Becaud, NZOSABA Eraste, MAZAMEZA Carine, HABIMANA Leonard, na NDAYISHIMIYE Felix.

JPEG - 21 ko
Pierre NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Abo cumi na batanu bagize uwo murwi ni abarundi batowe mu mice itandukanye : uwuserukira ibiro vy’umukuru w’igihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’ubutungane, batatu baserukira imigambwe hamwe n’abigenga bafise intebe mu nama nshingamateka y’Uburundi, babiri baserukira imigambwe itari mu nama nshingamateka, batatu baserukira amadini, umwe aserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, umwe aserukira ihuriro ry’abakenyezi, umwe aserukira urwaruka, hamwe n’umwe aserukira ubwoko bw’abatwa.

Uwo murwi ufise ikiringo c’amezi atandatu yo gukora ashobora kwongerwako amezi abiri, ariko mu gihe babisavye indwi imwe gusa imbere y’uko ikiringo c’amezi atandatu bafise gihere.

Mu runani CNARED ruhurikiyemwo abanyepolitike batavuga rumwe na Reta, Anicet NIYONKURU ajejwe kumenyesha amakuru muri urwo runani, abicishije kuri twitter, yavuze ko umukuru w’igihugu yashizeho uwo murwi adafatiye ku ngaruka bishora kuzana ku gihugu no kuri wenyene ubwiwe.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.