IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushikiranganji w’ikigega ca Reta avuga ko hari ikonte muri BRB amafaranga (...)

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta avuga ko hari ikonte muri BRB amafaranga yose y’amatora arungikwako

samedi 3 février 2018

Yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji, Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko amafaranga yose atangwa mu yandi mabanki yerekeye intererano y’amatora yo mu mwaka wa 2020, aca arungikwa kuri konte y’ibanki nkuru y’igihugu BRB.

Uwo mushikiranganji amenyesha ko bategekanya kuzoca mw’ibanki nkuru y’igihugu kugira barabe aho ico gikorwa co guterera amatora kigeze.

Kubijanye n’igitigiri c’amafaranga yoba akenewe mu gutunganya amatora yo mu mwaka wa 2020,Domitien NDIHOKUBWAYO yishuye ati : “ Ibijanye no guharura amafaranga y’amatora n’ibiharuro vyinshi kuko hariho ibikoresho usanga vyarakoreshejwe mu mwaka wa 2015.’’

Domitien NDIHOKUBWAYO aramutswa ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta asigura ko, hari ibishobora vyakoreshejwe mu matora yaheze bizokoreshwa mu matora yo muri 2020,ari naco gituma amafaranga zomenyeshwa hanyuma.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.