Umushikiranganji w’indero yategetse ko ururirimbo ruhayagiza igihugu rusubira kuririmbwa mu mashure

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 mars 2018 saa 10:14
Yasomwe :
0 0

Umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Janvière NDIRAHISHA yasavye ko ururirimbo ruhayagiza igihugu rusubira kuririmbwa mu mashuri nshingiro. Ibendera rigiye guhora riduzwa mu gatondo imbere y’uko ivyigwa bitangura, rikamanurwa ku mugoroba ivyigwa biheze.

Mu rwandiko umushikiranganji yashizeko umukono, amenyesha ko ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bwasanze ko hadafashwe ingingo mu maguru masha, ibijanya no gukunda igihugu no guha iteka ry’igihugu biciye mu kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu, no kuduza ibendera, bishobora gutituka.

Muri urwo rwandiko,umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA asaba abayobozi b’amashure nshingiro n’ayayakurikira gukangurira abo barongoye gukunda igihugu, baba abigisha canke abandi bakozi, mbere bagashira umwitwaririko munini ku banyeshuri.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshuri bategerezwa kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu mu gihe co kuduza ibendera no kumanura ibendera, ku minsi yose y’ishuri, imbere y’abayobozi b’ishuri n’abigisha.

Umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi asaba abanyeshuri kumenya neza ururirimbo ruhayagiza igihugu bakifata neza mu gihe ruriko ruraririmbwa, bakerekana kandi umutima wo gukunda igihugu mu myifato no mu ngiro.

JPEG - 19.3 ko
Janvière NDIRAHISHA,Umushikiranganji w’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi

Muri urwo rwandiko, umushikiranganji amenyesha ko ku mashuri nshingiro ururirimbo ruhayagiza igihugu ruzoririmbwa mu gatondo imbere y’uko ivyigwa bitangura, rukaririmbwa kandi inyuma y’ibikorwa vyo ku munsi.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA asaba abayobozi b’indero mu ntara no mu makomine gukurirkiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’ibiri muri urwo rwandiko, ku neza yo gukundisha igihugu urwaruka.


Kumenyekanisha

1
Busurahende 13-03-2018 à 11:12

Uyo mutegetsi mwomenyera yize mu makaminuza yo muri Pyongyang canke za Beijing/Pékin ? Ko umengo ivyo bintu niyo bikaze ? Guhayagiza igihugu ni vyiza ariko iyo waraye ubusa mambu yee !

2
Buryo Ode 13-03-2018 à 00:59

Jewe nakuze mbona turirimba Burundi bwacu imbere yo gutangura ivyigwa ndi mu mashure matoya, muri za 92 twaca mbere twongerako ururirimbo ruhayagiza ubumwe bw’Abarundi n’uruhayagiza Uprona, hariho n’iyindi version Burundi bwacu "Burundi we ragi ry’abasokuru". Ntiworavye akamwemwe twaziririmbana. Ahubwo uyo mushikiranganji niwe we rero. Uwutoshigikira ico ciyumviro ciwe ntaco azi, ntaco yabonye. Izo ndirimbo tuzizi ku mutwe Abarundi bari mu myaka 50 n’iyirenga. Komera Mushikiranganji kandi urwaruka n’abavyeyi n’abarezi bakwubahe. Songa mbele.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha