IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushikiranganji w’intwaro yo hagati yashize ahabona uko intererano (...)

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati yashize ahabona uko intererano y’amatora izotangwa

lundi 11 décembre 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Kigarama 2017, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko guterera amatora atari ikori ry’umutwe canke intererano y’intambara (Effort de guerre).

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE avuga ko igikorwa co guterera amatora atari irya mbere kiba, kandi ko ari igikorwa gihuye n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Ati : ’’Umugambi wo guterera amatora si irya mbere ubaye. Nayo mu mwaka wa 2015 abarundi ubwabo barayaterereye. Ni igikorwa gihuye n’ibwirizwa nshingiro, mu ngingo yaryo ya 72, aho umurundi wese ahamagarirwa guterera amatora, akabikorana umutima mwiza no gushaka.’’

Pascal BARANDAGIYE avuga kandi ko ata gishasha kirimwo mu mugambi wo guterera amatora, ahubwo ari ishirwa mu ngiro ry’ivyo abarundi bisabiye, biciye mu murwi watunganije ibiganiro hagati y’abarundi CNIDH .

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE avuga ko igikorwa kigiye gukurikira ari isekeza ryo kunyurwisha umugambi wo guterera amatora mu gihugu cose, kugira ntihagire uwukora ico adatahura neza.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko abazotanga intererano bagabuye mu mirwi itatu, aca asigura n’interarano bazotanga uko izoba ingana ku murwi wose.

JPEG - 172.4 ko
Pascal BARANDAGIYE, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

’’Hari abirimizi, abakozi ba Reta n’umurwi wabo twise abandi. Umuryango w’abirimizi uzotanga 2000 vy’amarundi ku mwaka, mu gihe abanyeshuri n’urwaruka bakwije imyaka yo gutora bazotanga 1000 c’amarundi ku kwezi.’’

Ati :’’ Ku bakozi ba Reta bahembwa gushika ku bihumbi 50 bazoterera 500 ku kwezi, abahembwa hagati ya 50001 gushika ku bihumbi 100 bazotanga 1000 ku kwezi, abahembwa hagati ya 100001 gushika ku bihumbi 200, bazotanga 2000 ku kwezi ;abahembwa hagati ya 200001 gushika ku bihumbi 500 bazotanga 5000 ku kwezi, abahembwa 500001 gushika ku muriyoni bazotanga ibihumbi 30 ku kwezi, mu gihe abahembwa amafaranga arenga umuriyoni ku kwezi bazoterera ayangana n’umushahara w’ukwezi kumwe, mu mwaka.’’

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ku mashirahamwe, amashengero, amakoperative, abadandaza, abakorera mu gisata c’ubutunzi nk’amabanki, amashirahamwe ategamiye Reta, n’ abarundi baba hanze bazoterera uko bashatse bizunze uko umwe wese akunda igihugu.

Mu gihe uwuzoterera hari urupapuro azohabwa rwerekana ko aterereye, umushikiranganji yavuze ko urwo rupapuro rudasigura ko mu gihe azoba akeneye ikintu mu ntwaro azokwerekana ko yaterereye amatora, ahubwo ruzofasha kugenzura abajejwe intwaro ku rwego rwo hasiko ko intererano yose batoje bayishikanye.

Igikorwa co guterera amatora catangujwe n’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 7 Myandagaro Rusama 2017, mw’ibanki Nkuru y’igihugu mu ntara ya Ngozi,abicishije kuri konte nomero 1110-267 yuguruwe mw’ibanki Nkuru y’Igihugu.


MUGUSHA Van Naris

Messages

  • Iyo ngingo jewe sindayitegera na gato. Ngo umwirimizi azotanga 2000 BIF ku mwaka hanyuma umunyeshule atange 1000 ku kwezi x amezi 12 =12000 BIF ku mwaka, kandi ata mahera akorera. Vyumvikana yuko umunyeshule ariwe azotanga menshi kurusha umukozi azotanga 500BIF ku kwezi kuko wewe azotanga 6000BIF ku mwaka.
    Hanyuma ni kuki baharurira Abarundi amahera bazotanga kandi bavuga ko : "igikorwa co guterera amatora kizokorwa ku gushaka kw’umunyagihugu."

  • Agacinyizo ka DD karamenyerewe

  • Iyo ngingo yafashwe irahushanye n’ijambo ry’umukuru w’igihugu ashira imbere uwubishaka.
    Ni nde yonyereka igitandukanya iyo ntererano n’ikori ? Mbega amahera akenewe ni angahe kugira hamenyekane ryari yakwiye ? Azokora iki kugira ntimuvune umukene mutera imibe abahaze ? Bizohera ryari ?

  • Umushikiranganji ati umunyeshure azotanga ayangana n’ayo umukozi afise umushahara w’ibihumbi ijana. Arongera ati uwuhembwa umuliyoni w’amarundi azoriha ibihumbi mirongo itatu, nawe uwuhembwa umuliyoni n’ibihumbi cumi arihe umuliyoni n’ibihumbi cumi. Iyo ngingo itareye isoni. None aho ga Mushikiranganji, ntimubona ko bimaramaje ? Mwokwikubise agashi !!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.