IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Umusi wo kwiyandikisha kubinjira mu rwego rw’intwazangabo no mu bisongerezi (...)

Umusi wo kwiyandikisha kubinjira mu rwego rw’intwazangabo no mu bisongerezi mu giporisi wamenyekanye

Thursday 27 September 2018, by vianney

Umushikiranganji w’umutekano,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe ,Alain Guillaume BUNYONI avuga ko uwushaka kwiyandikisha mw’ishure ryibisongerezi asabwa kuba ari umurundi atarubaka,ata mwana agira kuba yararangije n’imiburiburi umwaka w’icenda w’ishure nshingiro canke umwaka w’icumi w’amashure yisumbuye wa kera kandi akaba atigeze aba umuporisi canke umusirikare.

Mu rwego rw’intwazangabo uwiyandikisha ategerezwa kuba afise urupapuro rw’umutsindo rw’ikibazo ca reta “Diplome d’Etat”.

Bimwe mu bisabwa mu kwiyandikisha n’ifotokopi ya karangamuntu,urupapuro rwerekana amavuko,urupapuro rwerekana ko atubabtse,urupapuro rw’umwidondoro,urupapuro rwerekana ko udakurikiranwa n’ubutungane,urupapuro rwerekana ko wigenza neza,urupapuro rwo kwa muganga rwekena ko ufise amagara meza,udufoto paseporo 6 hamwe n’urupapuro rwemeza ko warangije umwaka w’icenda w’ishure nshingiro canke uwicumi w’inyigisho za kare ku rwego rw’ibisongerezi canke urupapuro rw’umutsindo rw’ikibazo ca Reta ku binjira mu rwego rw’intwazangabo.

Alain Guillaume Bunyoni avuga ko abazoba banditswe kandi bakwije ibisabwa bazokora ikibazo ku magenekerezo ya 9 na 10 Munyonyo uyu mwaka wa 2018 ku mirwa mikuru y’intara biyandikishijemwo.

Iryo tangazo ry’uyo mushikiranganji rivuga ko uwuzohirahira akabesha ubwoko bwiwe,imyaka afise ,adafise umwana,aho yigiye amashure afise n’ibindi azohanwa hisunzwe amategeko.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.