IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umwaka w’ishure mushasha watanguye

Umwaka w’ishure mushasha watanguye

lundi 11 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME avuga ko kuduza ayo mafaranga y’ishure ari uguha abayobozi b’amashure akandi karyo ko kuguma basaba ayandi mafaranga y’ishure. Gabriel RUFYIRI atanga akarorero k’ivyibonekeje mu myaka iheze aho abanyeshure basabwe amafaranga y’umunyezamu, amafaranga y’ukugura intebe, amafaranga y’ukugura ibitabu, amafaranga y’urwubako rw’ibirasi, n’ayandi.

Mw’ishirahamwe OLUCOME basaba Reta y’Uburundi ko yohagarika iyo ngingo y’ukuduza ayo mafaranga y’ishure, kubera hatabaye umwumvikano imbere y’ukuyaduza, kandi ko abavyeyi basanzwe bari mu bukene.

Nk’uko biri mw’itegeko rya Janviere NDIRAHISHA, umushikiranji w’indero, amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi, umunyeshure yiga mu ndaro agiye kuriha amafaranga y’ishure agera ku bihumbi cumi na bitanu vy’amafaranga y’amarundi (15000 Frs Bu) ku gice kimwe c’amezi atatu. Ni ukuvuga ko ku mwaka azoriha amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi 45. Aho ni mu gihe imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, umunyeshure wo mu ndaro yahora ariha amafaranga ibihumbi cumi ku gice kimwe, ni ukuvuga ibihumbi 30 ku mwaka.

Abanyeshure biga bataha bagiye kuriha amafaranga y’amarundi ibihumbi indwi ku gice kimwe, ni ukuvuga ibihumbi 21 ku mwaka. Aho ni mu gihe bahora bariha amafaranga ibihumbi bitatu ku gice, ni ukuvuga ibihumbi icenda ku mwaka.

Uwo mwaka w’ishure watanguye kandi mu gihe hari abigisha bavuga ko bataratunganirizwa mu bijanye n’ugukwiragiza abigisha aho batari (Redeploiement).

Victore NDABANIWE, umukuru w’umurwi wakoze ico gikorwa, avuga ko ico kibazo caheze, agasaba abigisha ko boja ku mirimo yabo, ivyo basaba bakabikora bashitse ku kazi.

Muri uwo murwi bavuga ko bemerera gusa abanyuranya ibibanza, bagasaba abayobozi b’amashure ko botangure gukurikirana abatarashika aho barungitswe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.