IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umwaka w’ishure uzotangura mu ndwi imwe

Umwaka w’ishure uzotangura mu ndwi imwe

mardi 20 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’inyigisho mu mashure yisumbuye na Kaminuza bwamenyesheje ikirangaminsi c’umwaka w’ishure w’2016 ushira uw’2017 mu mashure ya Reta. Ubwo bushikiranganji bwamenyesheje kandi n’igenekerezo amashure azotangurirako muri uwu mwaka.

Amashure azotangura ku munsi wa mbere igenekerezo rya 26 Nyakanga 2016, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubwo bushikiranganji.

Iryo tangazo rivuga ko igice ca mbere c’uwu mwaka w’ishure kizohera kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2016.

Igice ca kabiri kizotangura kw’igenekerezo rya 09 Nzero 2017, gihere kw’igenekerezo rya 07 Ndamukiza 2017.

Igice ca gatatu arico ca nyuma kizotangura kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza gushika kurya 07 Mukakaro 2017, uburuhuko bw’uguheza umwaka buce butangura kuva kw’igenekerezo rya 08 Mukakaro 2017 gushika kurya 11 Nyakanga 2017, uwundi mwaka w’ishure uce utangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.