IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umwumvikano utegura ibiganiro watanguye hagati ya CNARED na Reta (...)

Umwumvikano utegura ibiganiro watanguye hagati ya CNARED na Reta y’Uburundi

mardi 1er Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo mibonano yo mw’ibanga iriko ibera mu gisagara ca Helsinki, mu gihugu ca Finlande, ikaba ihagarariwe n’ishirahamwe mpuzamakungu CMI (Crisis Management Initiative) rijejwe guhuza impande zishamiranye.

Reta y’Uburundi yaserukiwe na Eduoard NDUWIMANA arongoye izo ntumwa, Evariste NDAYISHIMIYE umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD, hamwe na Zénon NDARUVUKANYE ajejwe ubutunzi mu mugambwe CNDD FDD.

Ku ruhande rwa CNARED, abaserukiye urwo runani ni Karori NDITIJE umukuru wa CNARED, Frédérique BAMVUGINYUMVIRA umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Chauvineau MUGWENGEZO wo mu mugambwe UPD ZIGAMIBANGA, Onésime NDUWIMANA yahoze ari umuvugizi wa CNDD FDD, hamwe na Yohani MINANI yarongoye ubwa mbere urunani CNARED.

Amakuru duhabwa na bamwe mu bagize CNARED avuga ko iyo mibonano ya Reta y’Uburundi ari iyo kuronderera hamwe umwumvikano woshikirizwa umuhuza Benjamin MKAPA, mu biganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe muri uku kwezi kw’umunani mu gihugu ca Tanzaniya.

JPEG - 847.3 ko
Igisagara ca Helsinki, mu gihugu ca Finlande, ahahuriye intumwa za Reta y’Uburundi hamwe n’abaserukiye urunani CNARED

Nta ndwi yari iheze mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesheje ko Reta y’Uburundi itazokwemera kuganira n’abaronderwa n’ubutungane.

Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye ikinyamakuru IGIHE ati : "Ico ni ikintu kizwi neza ko bidashoboka. Ahubwo ibihugu vyabahaye indaro, yaba Urwanda, yaba Ububirigi, canke Ubufaransa, n’ahandi hose bari, nibabafate babashikirize ubutungane. ubutungane nibwabeza, ico gihe bazobandanya poritike ukuri kwamye."

Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, mu cegeranyo aheruka gushikiriza inama y’umutekano ya ONU, yamenyesheje ko amasezerano y’i Arusha ategerezwa kwubahirizwa, Reta nayo ikemera ibiganiro atawe bikumira, kugira Uburundi buve mu ntureka za poritike burimwo.

Muri ico cegeranyo yashikirije, Michel KAFANDO yatanze intumbero y’ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ntureka za poritike burimwo. Ica mbere, nk’uko biri muri ico cegeranyo, akaba ari ibiganiro bidakumira vyohabwa ikibanza gikomeye, kuko ku bwiwe arivyo vyonyene bishobora gutora inyishu y’ibibazo bihari.

Michel KAFANDO avuga ko ari ngombwa ko ibihugu vyo muri aka karere, bifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyogondoza Reta y’Uburundi ikemera kuja mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo bahungiye hanze y’Uburundi hamwe n’abakiri mu Burundi.

Aho Michel KAFANDO yagize ati : "Ku ciyumviro canje, aho honyene niho tuzoshobora gukomeza umwumvikano hagati y’Abarundi, hamwe n’ukwemeza ko inzego zitwara Uburundi zizewe, zitekanye kandi zashizweho n’abanyagihugu."

JPEG - 45.4 ko
Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Imbere y’abagize inama y’umutekano ya ONU, Michel KAFANDO yamenyesheje ko amasezerano y’i Arusha ategerezwa kwama ari icitegererezo, hamwe n’ibuye ry’umushinge.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Leta y’Uburundi abantu bazoyizera gute ivugirwa n’abangushi. Ntibaheruka gushikiriza y’uko batazokwicarana n’abo batavuga rumwe. Canke ba Karori Nditije na Minani Jean barabahaye amakarata ya CNDD-FDD ko numva bahuriye i Helsinki na ba Evariste Ndayishimiye na Edouard Nduwimana iyo baje babundabunda.

  • None y’amanyama ngo ntimwokwicarana na CNARED vyagenze gute? ko mwahuriye mu mubonano i Helsinki?mwabesheye u Rwanda ngo rufasha abatavuga rumwe na DD,mugire bwangu musabe imbabazi u Rwanda rutararongora Union Africaine muri 2018

  • ndumva Ari Vyiza Cne Kd Birashimishij Kub Ret Y’i Burund Yemey Kuganra Nabtavuga Rumw Nayo,uy Naw Avuga Ngo Basab Urwand Imbabzi Itaratwa UA Ndumv Arik Yibesh Gusa Uko Bumvikany Nab Bahunz Igihugu N’aband Bazoshir Hamw.Murakoz

  • @Hicuburundi
    "mwabesheye u Rwanda ngo rufasha abatavuga rumwe na DD,mugire bwangu musabe imbabazi u Rwanda rutararongora Union Africaine muri 2018"

    Union Africaine sico kimwe n’Urwanda rutwarwa rucuramitswe. Kagame ntabubasha bw’ugukora ico yishakiye azoba afise muri ririya shirahamwe. Agize amanyama bashobora kumuha igipfunsi.

  • BIRAKOMEYE.ABARI HANZE BOOOOSE BAREMYE KURI MUZEHE RADJABU YASERUKIWE NA 2 MURI ABO JEWE NDAMWIZEYE.MWUMVIRIZE CAAAANE CHAUVINO NA ONESIME BAVUGA IRIVUYE KWA....................GIRA AMAHORO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.