IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Uruhara rw’abanyagihugu mu guteramira umutekano ni gutanga inkuru" - Hon. (...)

"Uruhara rw’abanyagihugu mu guteramira umutekano ni gutanga inkuru" - Hon. RWASA

vendredi 1er Nyakanga 2017

Aterera ivyiyumviro kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, mu gihe umushikiranganji w’ubutungane n’uw’agateka ka zina muntu bari abatumire mu nama nshingamateka, Agathon RWASA icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yavuze ko mu gihugu hagati hari abiha ububasha bwo guhana abandi kandi batabifitiye uburenganzira.

Umushingamateka Agathon RWASA avuga ko igiteye impungenge, ari uko hari abiha ubwo bubasha bwo guhana abandi kandi abajejwe intwaro babibona ntihagire ico bavuga canke bakore.

Ku bijanye n’ivyegereanyo bikorwa ku Burundi, mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu n’ubutungane, umushingamateka RWASA Agathon avuga ko kugira haboneke ibija mu vyegeranyo, abajejwe intwaro nabo babifisemwo uruhara.

JPEG - 56.7 ko
Hon. Agathon RWASA,Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka

Umushingamateka Agathon RWASA avunira akagohe abari mu nzego z’igihugu ko gusamara kwabo gutuma abandika ivyegeranyo ku Burundi baronka ico bafatirako.

Umushingamateka Agathon RWASA asaba ko hojaho umurwi w’abashingamateka wishikira ku rubuga, kugira bagabanye urwikekwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.