Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani CNARED-GIRITEKA rusaba ibiganiro atawe bikumira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani CNARED-GIRITEKA rusaba ibiganiro atawe bikumira

Urunani CNARED-GIRITEKA rusaba ibiganiro atawe bikumira

lundi 26 Ruheshi 2017

Mw’itangazo urunani CNARED-GIRITEKA rwasohoye inyuma y’umwiherero wahuje abanyeporitike ku magenekerezo ya 22 na 23 Ruheshi 2017, mu ntara ya Kayanza, urwo runani rumenyesha ko umwiherero w’abanyeporitike ushobora gutuma abantu bibaza ko ibintu biriko biraja mu nzira nziza kandi atarivyo.

Urunani CNARED-GIRITEKA rusaba umukuru w’igihugu c’Ubuganda akaba n’umuhuza mu bibazo vy’abarundi Yoweri Museveni gukora ibishoboka vyose, kugira umukuru w’igihugu c’Uburundi yitabe ibiganiro, mu ntumbero yo kuronderera amahoro igihugu.

Muri iryo tangazo, urunani CNARED-GIRITEKA rusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, akarere ka Afrika y’Ubuseruko, hamwe n’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi, kuko bishobora gutuma ibintu biba nabi gusumba uko biri.

Mu kurangiza iryo tangazo, urunani CNARED-GIRITEKA rusaba abarundi kuguma bafatanye mu nda, no kudashira imbere amacakubiri afatiye ku bwoko.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • CNARED-GIRITEKA , abazungu barababeshe kweri ngo sambura, ica, turira abantu ngo muca mushikira igihugu. Uburundi bwarashikiriye benebwo Abarundi. Nimba abazungu babakunda, nibabashire mu magouvernements iwabo nayo Uburundi cire birarura. Uburundi buzosubira gutwagwa n’abicanyi Umurundi w’umutima wa nyuma mumwishe. Ivyo navyo ntibikunda kuko imanga ntimarira Imana, mwari mwagerageje.

  • uwo yiyita burundi buhire n’iciga ngeso muri politique vraiment naho ntazi imyaka afise n’ivyo yoba yarize mumashuri. Kuko ntamuntu azi kahise k’uburundi n’ak’ibihugu vyinsshi kw’isi yovuga nga ibintu muburundi bigume uko biri ubu kuko vyose vyarasinzikaye atakivuyemwo. Ubushomeri buguma buduga atan’ic’abategetsi babivugako, ubukene bwokora amakara bugata no mubitwa ngo bafise ubuzi kuko amarundi yataye agaciro kurugero ruteye isoni, ubwicanyi atan’uwurekuriwe kugira ico abuvuzeko atagomba gucibwa izosi na za ngabo za pita, n’ayandi mabi meenshi!! None abo bazungu ivyo nivyo ugomba ko bashigikira n’inda n’indesho ??? Igihe cose hazoba ubutegetsi bubi, ndakurahiye ababurwanya bitebe bitebuke barahaguruka kandi bakabwirukana. Nyene icubahiro NDADAYE Yatsinze BUYOYA gute ko uzi ubwenge ?? Izo nkoho mbona zirirwa mumabarabara ngo nibwo bukomezi, Agasho ko gupfungiramwo abaryogoye, ivyo vyamyeho bari babifise kubwinshi ariko baragiye quel qu’en a été le prix.... Iyo Mana uvuga uraraba ko ariyo vy’ukuri ubu butegetsi bwarenze itegeko rikomeye kumanyama bwisunga.sinon Imana twese tuzi ntawuyikinisha kuko si umuntu. Uvyanka uvyemera DD izotwarura kuko ntaco iriko irica uburundi bwatwibarutse uzovyibonerako.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.