IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ntirwemera ibizova mu matora (...)

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ntirwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa nshingiro

samedi 19 mai 2018

Mw’itangazo ry’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ryateweko umukono n’umukuru warwo umushingamateka RWASA Agathon, urwo runani rumenyesha ko kuva umukuru w’igihugu amenyesheje amenyesheje ko hagiye kuba amatora, kw’igenekerezo rya 13 Kigarama 2017, urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rwaciye rutangura gutera ubwoba abanyagihugu, rubategeka mbere gutora Ego mu matora.

Muri iryo tangazo, urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, rumenyesha ko mu gihe mu matora yo kwemeza canke guhana ibwirizwa nshingiro abantu bafise uburenganzira bwo gutora Ego canke Oya, rwatangajwe n’uko abanywanyi barwo n’abarongozi bahagaritswe hadakurikijwe amategeko bakanapfungwa kubera gusa urwikekwe ko bazotora Oya mu matora, ivyo navyo bikaba bitandukanye n’amategeko mpuzamakungu agenga amatora aranga intwaro rusangi.

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwibutsa ko, nk’uko biri mw’itangazo ry’abashingamateka batowe muri urwo Runani ryo kuwa 16 Rusama 2018, imyiyamamazo yaranzwe n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu, mu guhagarika no gupfungwa abanywanyi,kandi bariko bakora ivyo barekurirwa n’amategeko.

Iryo tangazo ry’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, rimenyesha kandi ko abanywanyi barwo babujijwe kwitaba imyiyamamazo, barungikirwa ubutumwa bw’iterabwoba, abandi bagahatwa kuja mu myiyamamazo y’umugambwe uri ku butegetsi nk’uko womenga bose bategerezwa kuja mu mugambwe CNDD-FDD, bamwe mbere barakubitwa gushika naho hari uwitavye Imana muri komine Ntega, intara ya Kirundo.

’’Amatora yaranzwe n’ikumirwa ry’abanywanyi bacu bari kuyakurikirana’’

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, rumenyesha ko kuva buca amatora aba, abanywanyi babo batewe ubwoba mu masaha y’ijoro, gushika naho babatera ubwoba bakababwira ko bategerezwa gutora Ego.

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, muri iryo tangazo, rumenyesha ko ibintu vyagiye kwunyuka ku munsi w’itora, ho abari barungitswe guhagararira urwo runani batoroherejwe na gato, kuko bamwe bahagaritswe abandi babuzwe kwegera ahabera amatora, gushika naho hari abapfunzwe.

JPEG - 29.2 ko
Agathon RWASA, Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rugasaba ubutegetsi kurekura vyihuta kandi ata gisabwe abanywanyi barwo, bahagaritswe bongera bapfungwa ku karenganyo mu gihe c’amatora.

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rusaba abarundi bose muri rusangi n’abanywanyi barwo vy’umwihariko, gutekana no kuguma bafatanye mu nda, rukemeza kandi ko ruzoguma rutanga ivyemeza vy’utunenge twose twibonekeje mu matora.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Turetse mwebwe na makungu twaritwayamenyeshe ko twebwe abanyagihugu tuzotora Ego. umunyagihugu atize ninde afunzwe ? atari mwebwe mushaka kurya mutarushe mwemera mutemera twaraye turitoye nikomwamye. akarorero 2010 na 2015. mubihugu vyohanze ho batewe ubwoba nande ? tekereza tuje mumatora ya 2020 Impaga.

  • GWASA .YIPFURIZIKI ABARUNDI ?IMISIYOSE NGWABONYE UTUNENGE.ATINYAMATORA . MANA TABARA GWASA UMWIGISHE GUCA BUGUFI NAKUCHA .ABAGANZA.

  • Ndumva bikaze pe !Rwasa namenye ko kwisi yose ataho oya irigera itsinda ego none yagira ngo oya yotsinda ivyo ntibibaho

  • Reka Kubesha Twarabahinyuye

  • politike yawe irashaje kuvuga babujijwe gutora Oya ndumva ntawabiha agaciro kuko umuntu atora ari wenyine niyo bakubuza ariko mugihe cyo gutora utora akakuri Ku mutima ...ahubwo iyo uvuga uti Mu kubara amatora habayemo ubusuma no kubeshya ibya vuye mu matora cg uti isanduku zashyizwemo impapuro zitora zarahinduwe hazanwa izindi mutazi aho zivuye baba arizo babara ...into byakumvikana ...iyo niyo nama nkugiriye

  • ewerwasa kumbura wemere ese ubona aryamajwi yotinda agatsinda twagqa arya aramaze

  • Nagomba Nkebure Abarundi Bamwebamwe Nonegayemwe Ingwara Yokutemera Ibivuye Mumatora Muzoyikira Ryari ? Noneho Yarabaye Nkumugera ? Ariko Dukwiye Kumenyako U Burundi Arumuvyeyi Watwese Atanumwe Avuyemwo Hama Ushaka Gutwara Mumwanya Uba Utarashikirwa Uburagendera Kumategeko Yabatwara Imana Nawe Yagufasha Ubutegetsi Ukabugerako Nawe Ugashinga Amategeko Gwawe ! Warabanabi Imana Ntivyemere Kuko Ngo Ntakuganza Kutava Kuriyo . Ndavuga Sinvura.

  • Andika hano.Mutama Rwasa ndabibonyubunyene kowashaj utikuberiki we,ukabona abanwanyi baw barikobafungwa abandi bicwa.ntutabaz ? kutabivuz hagisigay imis ibir cankumw ngwamatora abe ugahengera yahez ndetse vyamazenokugaragara ko.Ego yatsinz. Ha ! ivyobirego sivyo !!

  • Uwo Mugabo Bararaba Neza Bazosanga Arwaye , None Imisi Yose Amatora Yama Arimwutunenge ?Haa

  • Gutora ego, niko gutsinda kwa Peter, Buyaya yemera gutsindwa na ndadaye niho igihugu yagitaye mumanga none yariyirukiye. Jewe ndiwe ndiko ndabona amaraso yabarundi ari kumeneka noca niyahura kuko vyose ningaruka ziwe.

  • Jewe ico novuga murivyo Imana yo mw’ijuru gusa niyo izoducira urubanza umwe wese ashima utwiwe

  • Mutama We Komera, Ariko Mwokwemera Ayo Matora Kuko Iyo Mukaja Mu Mitumba Yose Mwari Kuronka Ayasumbaho.2020 Mu Zoronka Menshi. Komere.

  • Mutama Rwasa izomvugo a ba dd ntibazikunda raba neza uhagaze hagati yamarembo abiri mpimba na (nyibutsa) canke udusange i kiriba twirire HCR

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.