IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Urwego CNC ruvuga ko ibimenyeshamakuru 28 arivyo vyiyongeye kuva mu mwaka (...)

Urwego CNC ruvuga ko ibimenyeshamakuru 28 arivyo vyiyongeye kuva mu mwaka wa 2015

Friday 5 October 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2018 inyuma y’inama yahuje abagize urwego CNC yarimaze imisi 2, Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko amwe mu makosa akunda gukorwa n’ibinyamakuru ari ukutubahiriza urutonde rw’ibiganiro ,gutanga amakuru adafatiye ku mpande zose,gutanga amakuru atubahiriza imico kama hamwe no gutanga amakuru adatohojwe neza.

Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko mu mezi atatu aheze basanze hakiriwe abantu 144 basaba kwandikwa mu gitabo c’abamenyeshamakuru hamwe n’impusha 37 zatanzwe ku bamenyeshamakuru bo hanze bashaka gukorera mu gihugu uwundi umwe nawe yankiwe guhabwa urwo ruhusha kuko atarakwije ibisabwa n’amategeko.

Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko abamaze kwiyandikisha mu gitabo cabazoronnswa ikarata y’abamenyeshamakuru bashaka 1184 kandi mu misi iri imbere bagiye gutangura kuzikora.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.